Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Jeanne Gapiya - Covid niyahera tuzosanga hari benshi bahitanywe na Sida
Jeanne Gapiya, umwe mu bazwi cane mu kurwanya Sida mu Burundi, avuga ko kwandura no kurwara Sida bishobora kwiyongera cane mu Burundi n'ahandi kuko uburyo bwo kubirwanya bwagabanutse cane kuva hateye ikiza ca Covid-19.
Madame Gapiya ari mu bantu ba mbere bemanze ko bagendana umugera wa Sida mu Burundi mu myaka ya 1980, igihe ibijanye n'uwo mugera vyari bikiri nk'ibitavugwa.
Ishirahamwe ryiwe ryo gushigikira abagendana umugera wa Sida n'abarwaye iyo ndwara (ANSS) rimaze hafi imyaka 30 kandi arashima aho we n'abandi bakora nkawe bari bagejeje igikorwa co kurwanya Sida.
Covid yasubije ibintu inyuma
Madame Gapiya, atakiba mu Burundi igihe cose, avuga ko muri ino minsi yagiyeyo agasanga abarwayi ba Sida bamerewe nabi cane.
Agira ati: "Nabonye umumama [umuvyeyi] aje kutwitura, yari amaze iminsi mu bitaro... nja kumuraba mbona umenga ni umwana w'imyaka nka 15.
"Kubera dusanganywe ikigo gifasha abana barwaye cane , dushobora kuba turagumije, tubaha ivyo barya tubaha imiti gushika aho basubira kumera neza...
"Ntangura kubwira abakozi nti jana urya mwana. Bati 'eka si umwana, ni umu mama w'abana 2'".
Ubukene bw'ivyo kurya
Ibigo birwanya Sida bisanzwe biha abarwayi bavyitura infungurwa zikenerwa cane kugira baronke intege zo kurinda iyo miti.
Gapiya rero avuga ko yasanze ubu hari ubukene bw'ivyo kurya kuko "uburyo twahora turonka ntabwo tukironka ngo tubafashe".
Arongera ati: "Nagiye mu Kirundo, nsangayo uwundi muvyeyi tutazi ko tuzorokora, afise igituntu akagira n'umugera, n'ibintu tutaheruka.
"Ivyo vyose biterwa n'uko abantu bashonje kandi natwe ata buryo dufise bwo kubaha ivyo twahora tubaha".
Madame Gapiya avuga ko imigambi mpuzamakungu yahora ibaha uburyo ubu yabuhindukirije mu kurwanya ikiza ca Covid-19.
"Ni twagira imana tugakira ikiza ca Covid, tuzosanga twarasubiye inyuma"
Jeanne Gapiya avuga ko kuva habaye izi ngorane isi yose irimwo z'ikiza ca Covid-19, gupima umugera wa Sida bimaze kugabanuka ku rugero rwa 36%.
Muri uwo mwanya bisigura ko abagendana umugera batabizi bariko baranduza abandi.
Agira ati: "Nitwagira imana n'ico kiza Covid tukagikira, tuzosanga twarasubiye inyuma, twarabuze abantu benshi cane".
Ubundi avuga ko Uburundi bwari mu bihugu biteye imbere mu kurwanya Sida aho muri rusangi hagati ya 70 na 80% y'abategerezwa kuja ku miti bayironka. Gusa urwo rugero ruracari hasi ku bana, rungana na 30%.
Gapiya avuga ko abashikana ijwi kure ari ukubandanya basemerera kuko n'aho intambwe imaze guterwa, Uburundi n'ibindi bihugu na cane cane vyo muri Afrika y'ubuseruko n'iyo mu burengero ngo bikiri inyuma.
Imiti igezweho ntirabishikamwo kandi abarwayi bayikenera kuko bishika bakananirwa n'iyo bari basanzweko.
Avuga ko we agira "amahirwe yo kuyironka kuko umushingatahe wanje akora muri Nations Unies [ONU]".
"Uko siko ibintu vyategerezwa kugenda".