COP26: Integuro y'amasezerano ihamagarira kugabanya imyuka ya carbone bitarenze 2022

Ibihugu biriko birahimirizwa ko gushika mu mpera za 2022 vyoba vyagabanije imyuka ya carbone mu nteguro y'amasezerano yashizwe ahabona mu nama ya COP26 i Glasgow.

Iyo nteguro ivuga ko ibihugu bigeramiwe bitegerezwa kuronswa imfashanyo nyinshi mu guhangana n'ingaruka zihitana abantu z'ukwiyongera kw'ubushuhe.

Avuga kandi ko ibihugu bitegerezwa kwerekana imigambi y'igihe kirekire yo gushika ku rugero rw'ubusa mu mpera z'umwaka uza.

Abagwanya ihindagurika ry'ibihe bavuga ko iyo nteguro nta kintu kinini itegekanya, ariko abandi bahaye ikaze ihangiro yihaye ry'ukwiyongera kw'ubushuhe guhika kuri degre 1.5.

Iyo nyandiko, yashizwe ahabona n'uburongozi bwa COP26 ihagarariwe n'Ubwongoreza, itegerezwa kuganirwako no kwemezwa n'ibihugu vyitavye ivyo biganiro.

Abahinga bari bagabishije ko kugumiza ubushuhe ku rugero rurenga degre 1.5 - aho burenze ubwo hashobora kwigaragaza inkurukizi z'ihindagurika ry'ibihe - bikenewe ko imyuka itegerezwa kugabanuka ku bice 45% gushika mu 2030, hanyuma no gushika ku busa hagati na hagati y'iki kinjana.

Mu gihe isi itari mu nzira nziza yo kugira ico ishitseko, iyo nyandiko ihimiriza ibihugu "gusubira kwihweza no gukomeza" ihangiro ryo kugabanya imyuka gushika mu 2030 mu migambi yavyo mu ntumbero yo kwubahiriza amasezerano ya Paris yo gushika ku bushuhe bwa degre 2 C canke 1.5 C.

Igihombo n'ivyononekaye - ikibazo ku bihugu bikiri mu nzira y'amajambere - biri muri iyo nyandiko, ihamagarira itangwa ry'izindi mfashanyo nyinshi zivuye mu bihugu biteye imbere no mu yandi mashirahamwe mu ntumbero yo kuriha ivyononywe n'ingaruka ziturutse kw'ihindagurika ry'ibihe birenze urugero, n'iduga ry'ibiyaga mu bihugu bikenye.

Hemejwe kandi ko hakenewe amafaranga menshi ku bihugu biri mu nzira y'amajambere gusumba ayari yemewe kera agera ku madorari imiriyaridi 100 ku mwaka gushika mu 2020, amahera atazoboneka gushika n'imiburiburi mu 2022.

Ariko abagwanya ihindagurika ry'ibihe bavuze ko ico gice c'iyo nyandiko ata nguvu gifise kandi ko cari nk'igikorwa co gupfa kwuzuza gusa ico kibanza.

Iyo nyandiko kandi ihamagarira ibihugu guhagarika gukoresha ibizuku (charbon/coal) no gutanga amahera yo gufasha abahora bikora kuri ubwo buryo - ariko nta tariki ntarengwa canke urugero rukwiye gushikwako vyatanzwe.

Basavye kandi umunyamabanga mukuru wa Onu, Antonio Guterres gutumako inama y'abategetsi b'isi mu 2023 kugira bihweze ahazoba hageze gushira mu ngiro utwigoro two gushika kw'ihangiro rya 2030.