Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
COP26: Ibihugu bitunze biriko "birigizayo" kuriha agahombo gatewe n'ihindagurika ry'ibihe
- Umwanditsi, Navin Singh Khadka
- Igikorwa, Umunyamakuru w'ibidukikije, BBC World Service
Ibihugu vy'intege nke vyitavye inama ya COP26 bivuga ko ibihugu bitunze biriko birigizayo ivyo kurondera ko hotangwa indishi ku vyononekara kubera ingaruka zivuye kw'ihindagurika ry'ibihe.
Ibihugu bikenye cane kurusha ibindi bibona ko ari nkoramutima ko amafaranga yo kuriha agahombo n'ivyononekara aja mu biriko biragirwako ibiganiro muri iyi ndwi.
Abakoze kugira haboneke amasezerano ya Paris mu 2015 bari bumvikanye ko ico kibazo gitorerwa inyishu, ariko ntihemejwe uwutegerezwa gutanga ayo mafaranga.
Ibihugu bitunze bivugwa ko biriko biranka kugira ico vyiyemeje kuko bidashaka kwiremeka uwo muzigo n'uko bishoboka ko bishingishirizwa imanza.
Ibihugu bikiri mu nzira y'amajambere bivuga ko ibihugu bitunze arivyo ahanini bitera ingaruka z'ihindagurika ry'ibihe zo muri iyi myaka kuko vyatanguye gusuka umwuka wa carbone mu kirere kera cane kuruta ibindi bihugu kw'isi.
Alpha Oumar Kaloga, umwe mu bahagarariye umugwi wa Afrika mu biganiro, akaba kandi ahagarariye Guinee mu mugwi w'ibihugu bikiri hasi mw'iterambere kurusha ibindi (Least Developed Countries, LDC) avuga ati: "Agahombo n'ivyononekara biracari ibintu bitubahukwa kuvugwa ku bihugu bikiri mu nzira y'amajambere.
"Mu biganiro, twagumye tuvuga ko agahombo hamwe n'ivyononekara bikwiye guhabwa umurongo wa vyonyene ku vyerekeye amafaranga ajanye n'ihindagurika ry'ibihe mu bihugu bikiri mu nzira y'amajambere, kuko bene ako gahombo n'ivyononekara biba n'ahandi kw'isi".
Avuga ko kuba ibihugu bitunze binana muri ivyo biganiro bibera mu mwiherero bibabaza na cane cane kuko ku rundi ruhande "bivuga ko ari ugukorera ku mugaragaro mu biriko biraba vyose".
Icegeranyo c'ishami rya ONU riraba ugufashanya mu butunzi n'iterambere (OCDE/OECD) uyu mwaka, cerekana ko mu 2019 25% y'amafaranga yo gufasha mw'ihindagurika ry'ibihe yatanzwe n'ibihugu bitunze yafashije mu kwisuganya kujana n'ibihe -nk'akarorero, kwitegurira ikirere gishobora kuba nabi cane, kwubaka inkuta zo kuzibira amazi y'amabahari - mu gihe ayasigaye yakoreshejwe mu migambi yo kugabanya imyuka ya carbone isukwa mu kirere.
Ibihugu bikenye bivuga ko ingaruka z'ihindagurika ry'ibihe ubu zikomeye cane ku buryo bitagishiboye kwisuganya kujana n'ibihe, ko ahubwo bikeneye imfashanyo y'amafaranga kugira bisubire kwubaka, canke kwimukira ahandi.
Nk'igihugu kirongoye inama, Ubwongereza nibwo buriko burahuza ibiganiro. Umuvugizi yavuze ko Ubwongereza buriko "burumviriza ivyiyumviro vy'impande zose kandi ko itangazo rya nyuma rizoca mu mwumvikano wa bose".
Madame Le-Anne Roper, arongoye ibiganiro kw'izina ry'urunani rw'ibihugu vy'amazinga (ibirwa) mato mato (Alliance of Small Island States) ashaka ko haba ihangiro ry'amafaranga agenewe agahombo n'ivyononekara gusa.
Ivyo vyoca bitandukana na za miriyaridi 100 z'ama dorari zamaze kwemerwa - ihangiro ritashoboye gushikwako mu 2020 uko vyari bitegekanijwe none ubu ryashizwe gushika mu 2023.
Yabwiye BBC ati: " Aho niho honyene tuzoheza tugaha abantu bacu uburyo bwiza kurusha bwo kumara kabiri, uravye urugero rw'akaga n'ibikenewe kugira dusubirize agahombo hamwe n'ivyononekara".
Ibihugu bikiri mu nzira y'amajambere biranegura ko ukwitegurira kujana n'ibihe bitahawe umwanya ukwiye mu nama ya COP26, kandi ko urutonde rw'ibikorwa rwiziziwe n'ikibazo co kugabanya kurekura umwuka wa carbone, ico naco kikaba kiraba ahanini ibihugu bitunze n'ibiriko biruhuta mu burunzi nk'Ubushinwa n'Ubuhindi.
Ariko n'ibihugu vyinshi bikenye vyaraneguwe ko bidakoresha neza uburyo bwose bironkejwe. Abahinga bavuga ko intwaro mbi hamwe n'ibitutire ari zimwe mu ntambamyi kw'ishirwa mu ngiro ry'imigambi yo kujana n'ibihe.