Africa-Covid: Amerika yemeye kwongera miriyoni 17 z'incanco

Umugore ahejeje kwiteza urukingo rwa Covid-19

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Gushika ubu Abanya-Afrika badashika 4% nibo bamaze kuronka incanco zikwiye za Covid-19

Reta Zunzwe Ubumwe za Amerika ziyemeje guha Afrika izindi miriyoni 17 z'incanco za Covid-19 , mu gihe uwo mugabane gushika ubu uri inyuma y'iyindi kw'isi mu gucandaga abawubamwo.

Izo ncanco zizotangwa biciye kw'ishirahamwe rya Afrika, Union Africaine/African Union.

Ivyo vyamenyeshejwe n'umukuru wa Amerika ku wa kane ahejeje kubonana n'umukuru wa Kenya, Uhuru Kenyatta.

Uwo mubonano wabereye ku biro vy'umukuru wa Amerika, White House, wari wo wa mbere Joe Biden ahaye umukuru w'igihugu wo muri Afrika kuva aho abereye Prezida wa Amerika.

Gushika ubu abantu badashika 4% ku mugabane wa Afrika nibo bamaze kuronka incanco zikwiye za Covid -19 bivanye no gukeherwa, kutihutira kuziteza canke kubera uburyo bugoye bwo kuzishikana ku banyagihugu, na cane mu bihugu biherutse kuva mu ntambara.

Prezida Biden yavuze ko izo ncanco za Jonhson & Johnson umuntu aterwa rimwe gusa zizoca zitangwa ubwo nyene cane cane mu bihugu vya Afrika vyakehewe.

Yaniyemeje kandi gufasha kugira incanco zikorerwe muri Africka.

Uhuru Kenyatta na Joe Biden

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Prezida Biden yakiriye Kenyatta n'umukuru w'igihugu wa mbere wo muri Afrika yakiriye kuva yaba Prezida

Gushika ubu Amerika imaze kwemera gutanga incanco zingana na miriyoni 500 kw'isi yose.

Hagati aho Prezida Biden na Kenyatta bavuze ko bazofashanya mu gutorera inyishu intambara yo muri Tigray mu buraruko bwa Ethiopia aho abantu ibihumbi n'ibihumbi babayeho nko mu mapfa nayo abaharurwa muri za miriyoni bakaba bari mu kaga ko kuronswa imfasanyo.

Kenya muri iki gihe niyo irongoye inama ya ONU ijejwe umutekano kw'isi.

Reta ya Biden yagabishije gufatira ibihano bikomeye reta ya Ethiopia, mu gihe ahubwo ingabo za reta y'ico gihugu ziherutse kugaba igitero gishasha muri iyo ntara ya Tigray iri mu buraruko.