Urucanco rwa malaria 'ruzohindura ubuzima bw'Abanya-Africa ubudasubirwamwo'

- Umwanditsi, Yanditswe na Manish Pandey hamwe James Waterhouse
- Igikorwa, Abanyamakuru ba Newsbeat
"Twamana malaria. Abagenzi banje bose nta wutayirwara, nanje narayirwara, abo tuvukana n'abavyeyi kwari uko."
Bello Abdul Hakeem Bolaji n'umwe muri miriyoni z'abantu muri Afrika bakuranye na malaria.
Uwo munya-Nigeria w'imyaka 25 avuga ko ingingo yo gucandaga abana muri Afrika yose ari ikintu kigiye "guhindura ubuzima".
Iyo ndwara mu bindi bice vy'isi nticica abantu cane ariko muri Afrika iracari iya mbere mu kwica abantu, aho yahitanye abana bashika 260.000 mu 2019.
Bello akora mu vy'ubuhinga bwa none avuga ati: "Ni inkuru ije guhindura umukino".
"Igihe nayumva ubwa mbere, nagize ibishobisho. Ubuhinga nibwo bugenga ibihe vya none nazo inyishu nk'incanco muri kahise zarakijije isi ubukangwe (polio), agasama, mbere na Covid -19."
Malaria n'indwara ikwiragizwa n'imibu, yica cane cane inzoya n'abana bakiri bato.
Gukora urucanco inyuma y'imyaka 100 rugeragezwa bibonwa nka kimwe mu bintu bikomeye cane bishitsweko n'ubuvuzi.
Bello yaragwaje mushikiwe mutoya igihe yafatwa na malaria afise imyaka 12. Yari asanzwe afise iyindi ndarwa y'amaraso, gutyo aca arasinzikara cane.
Avuga ati ico gihe "abavyeyi bari mu mahanga, nari jenyene, kandi aho nari ngifise imyaka 17 canke 18".
"Hari mw'ijoro hagati, aca atangura kurira, adahwa, ubushuhe bwiwe buraduga gushika n'aho atari agishobora kumbona.
"Naragize ubwoba bwinshi cane, ntangura gukoma induru kugira ababanyi baze kumfasha.
"Naciye ndamwirukana kwa muganga, bamushiramwo umwuka wo guhumeka (oxygene), serumu, hanyumma bamukorera ibipimo."
Bello avuga ko yari mu bari bafise amahirwe kuko abavyeyi biwe bashoboye kuriha amafaranga yo gushira mushikiwe ku miti - ariko benshi ntavyo bashobora.

Bello avuga ko hari abagenzi biwe n'abo bigana benshi bishwe na malaria - bamwe bakaba bapfuye batararenza n'imyaka itatu.
"Novuga ko bihahamura gusubira kuvyibaza no kwibuka abantu twakuranye, benewacu n'abandi bo mu muryango wagutse, abo twigana n'abagenzi.
"Abo n'abantu tuba dukunda kandi tuba twifuza kugumana, abantu ubuzima bwabo buhagarikwa n'iyo ndwara.
"Abo ni abantu bashobora kuba bavuyemwo abaganga bakomeye, abahinga bakomeye mu bisata bitandukanye, abazana impinduka, indongozi zikomeye zari kuba zagize ivyo zihindura ku bijanye n'ibidukikije canke ubuzima mu kibano".
"Ariko nta n'amahirwe bigeze baronka".
'Ibishobora gushika ni bibiri: urupfu canke ubukene'
Bello avuga ko imiryango myinshi iba munsi y'umurongo w'ubukene, idashobora kuriha amafaranga yo kuja mu bitaro kwivuza.
"Ikigoye n'uko imiryango myinshi idashobora kwirinda kwandura malaria, ntishobore kuriha amafaranga yo kwivuza, y'ivyo kurya canke y'umwuka wa oxygene. Akenshi abo bana amaherezo barapfa.
"Hari ibintu bibiri bishika kubera malaria - urupfu canke ubukene. Mu gihe imiryango myinshi yategerezwa kuba iriko irashira uburyo mu bikorwa vyo kwiteza imbere canke mu mashure y'abana bayo, basohora amafaranga mu kwivuza malaria."
Nico gituma kuri Bello, urucanco rugiye kuba ikintu "gihindura umukino".
"Abana benshi twakuranye ntibashobora kuriha amafaranga y'ishure, canke ngo bagure umwambaro w'ishure kandi rimwe na rimwe ntibashobora no kurya kuko amafaranga yaherera mu bitaro.
"Niho rero wasanga amaherezo bamwe bahevye ishure bagaca baja mu buzima bw'amabi canke mu buzi buhemba intica ntikize".
'Ni ngombwa ko bose babasha kururonka'
Ndifanji Namacha, umuganga akorera muri Malawi avuga ati: "Sinzi ingene nogaragaza ingene niyumva".
"Kuva tukiri abana, twari tuzi ko malaria ari indwara idashobora kwirindwa. Wakura wumva ngo abana mwigana ntibashoboye kuza kw'ishure kuko barwaye."
Ndifanji avura malaria akanahimiriza abantu kumenya ibijanye n'iyo ndwara mu gihugu.
"Afrika itakaza amafaranga menshi kubera malaria.
"Ayo mafaranga bahora basohora kugira baje kwivuza, ubu bashobora kuyakoresha mu kwiteza imbere."

Urwo rucanco rushasha rwatunganijwe na kompanyi ikora imiti yo mu Bwongereza GlaxoSmithKline, bikaba vyatanguye kugaragara ko rukora haraheze imyaka itandatu.
Ndifanji avuga ati: "Ukorera mu bitaro vyo muri Malawi, na cane cane mu gihe malaria iba ikaze, urabona abavyeyi bazana abana baravye kubera malaria yabasinzikaje."
"Urabona abagore bafise inda baremvye, mbere n'inda zigakoroka kubera malaria, abana bakavukana ibiro bidakwiye kubera malaria. Usanga bimeze nk'ibintu ugera aho ukamenyera."
N'ubwo urwo rucanco rwemerewe gukoreshwa, Ndifanji avuga ko atazoreka kubandanya ahimiriza reta yiwe.
"Dukeneye ko urwo rucanco ruba urushobora gushikirwa n'abantu bose, aho niho tuzomenya ingene abantu barwakiriye n'ingene rukora."











