OMS: urukingo rwa malaria Mosquirix (RTS,S/AS01) rwemejwe gukoreshwa muri Africa

Igerageza ry'ukingo rwa Mosquirix muri Kenya mu 2019

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, OMS ivuga ko iyi ari intambwe ikomeye cane mu twigoro two kurwanya malaria

Ishirahamawe rijejwe amagara kw'isi OMS ryemeje ikoreshwa muri Afrika ry'urukingo rw'indwara ya malaria ruzwi nka RTS,S/AS01 canke Mosquirix.

Malaria ni indwara yica iterwa n'umubu, ikagaragara cane mu bice bishushe vyo kw'isi harimwo na Afrika .

Ibi vyemejwe na OMS ni intambwe igiye mu mateka mu bijanye n'amagara y'abantu kw'isi.

Vyibazwa yuko kuri ubu abantu barenga imiriyoni amajana abiri kw'isi bandura malariya buri mwaka, ikica ibihumbi amajana, benshi muri bo bakaba ari abana bo muri Afrika.

Nta rukingo rukora neza kandi rwemewe rwa malaria rwari bwaboneke, gushika uno munsi.

Mosquirix rwahawe uruhusha rwo gukoreshwa mu nama yahurije hamwe imigwi mpanuzwajambo ya OMS mu bijanye na malaria hamwe no gucandaga.

Iyi ngingo yakurikiye igerageza ryagenze neza muri Malawi, Ghana hamwe na Kenya.

Uru rukingo rutangwa mu mice ibiri, rugabanya malaria mu bana, kwinjizwa ibitaro hamwe no gukenera kwongerwa amaraso.

Vyinshi kuri iyi nkuru muzobikurikirana mu makuru yacu ari imbere...