Africa -Covid: U Burundi mu bihugu OMS igiye gufasha gupima ku bwinshi

Uwufatwa igipimo ca corona

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Muri Afrika, akenshi abantu bapimwa kuko bijanye kw'ivuriro bibonyeko ibimenyetso

Batandatu ku bantu indwi bandura umugera wa corona muri Afrika ntibamenyekana, nk'uko bivugwa n'ishami rya ONU riraba amagara kw'isi OMS/WHO.

Ico giharuro yagitoye ifatiye ku gitigiri c'abantu bizwi ko bishwe n'iyo ndwara hamwe n'ingero z'abo yica.

Gushika ubu abantu miriyoni umunani nibo bonyene bazwi icese ko bamaze kwandura Covid-19 muri Afrika, ariko OMS igereranya ko igitigiri nyaco ari miriyoni 59.

Muri rusangi, abantu bonyene bapimwa n'abijana ku bigo vy'ubuvuzi kuko baba bafise ibimenyetso hamwe n'ababa bashaka gufata ingendo zo hanze y'igihugu.

Ivyo bisigura ko abantu benshi batagaragaje ibimenyetso batigera bamenyekana, gutyo ikwiragira ry'umugera rigaca rikomeza.

Kugira ico kibazo gitore inyishu, OMS ifise umugambi wo kwongereza ibikorwa vyo gupima abantu mu kibano mu bihugu umunani aho yifuza gushikira abantu bagera ku miriyoni indwi mu mwaka uza.

Ni hehe gupima ku bwinshi bizokorwa?

U Burundi buri muri ivyo bihugu. Ibindi ni Cote d'Ivoire, RD Congo, Guinea Bissau, Mozambique, Congo-Brazzaville, Senegal na Zambia.

Umuyobozi wa OMS ku mugabane wa Afrika Dr Matshidiso Moeti avuga ati: "Iyo hapimwa abantu bake cane, duca dukorera ku biharuro bitari vyo muri Afrika…

"Gupima abantu benshi bivuga ko uwurwaye aca yishira ukwiwe hakiri kare, gukwirakwiza indwara bikagabanuka, ubuzima bw'abantu benshi bukarokoka biciye muri ico gikorwa gifasha kumenya igikenewe n'aho gikenewe gukorwa".

Ibiharuro vy'abantu bashasha bandura bigize igihe vyagabanutse, ariko ku bwa OMS, hari amakenga ko kubera urugero rw'abaronka urucanco rukiri hasi cane, Covid iracari ingeramizi kuri benshi.

Mu Burundi, gushika ku mugoroba w'ejo ku wa kane itariki 14/10/2021, abari bamaze kwandura Covid-19 bari 19.513, nayo abo imaze guhitana bakaba ari 14 nk'uko bitangazwa na OMS.