Tanganyika: Nta bimenyetso bihari bigabura imbibe z'ibihugu bisangiye iki kiyaga

Uretse mu kiyaga Tanganyika, ishirahamwe rya Afrika rivuga ko muri Afrika yose, ibice 35 kw'ijana vy'imbibe hagati y'ibihugu haba mu mazi canke ku butaka arivyo vyonyene biriko ibimenyetso vy'aho igihugu kimwe kimwe kigarukira.

Mu Kiyaga Tanganyika - gisangiwe n'ibihugu bine: Uburundi, Republika ya Demokrasi ya Congo, Tanzania na Zambia - bene ivyo bimenyetso nta bihari.

Abahinga bava muri ivyo bihugu bakoraniye i Bujumbura mu nama igira kane yo kwiga ubuhinga, ubumenyi n'uburyo bukenewe kugira ivyo bimenyetso bishingwe.

Fred Ngoga Gateretse wo mu mugambi w'ishirahamwe rya Afrika wo gushinga ibimenyetso ku mbibe hagati y'ibihugu avuga ko igihugu kimwe kimwe kizi ibice kw'ijana vyaco vy'amazi gifise kuri Tanganyika ariko aho agarukira nta kimenyetso kihari.

Ati: "Haramaze kuba utugorane hirya no hino… urashobora kwisanga ugeze nko muri Tanzania, kuko nta bimenyetso bihari bifasha abarovyi.

"Abafise ubwato bukomakomeye, abo barafise ama- GPS, [Global Positioning System, ubuhinga bwa none bwo kwerekana inzira n'aho ugeze], mugabo nk'abandi ntibikunda.

"Rero mu ntumbero yo kugira ntihazobe amatati, ico bariko barakora ni ukuraba ingene bashiraho ivyo bimenyetso".

Mu mazi hashigwa ibimenyetso gute?

Ngoga-Gateretse avuga ko atari "ibintu vyoroshe" gushinga ibimenyetso mu mazi.

Avuga ko hari ibihugu bishirayo ama "ballons" [imipira, ibipurizo], ariko ngo akenshi hakora ubuhinga bwa none uretse ko amato mato mato atabwo aba afise.

Avuga rero ko hariko harigwa ingene hazozanwa "abahinga babizi kugira bafashe ibihugu vyacu kubitorera inyishu".

Ati: "Ni akazi kagoye cane, ni akazi gasaba uburyo bwinshi".

Uwo mugambi w'Ishirahamwe rya Africa utegekanya ko ibikorwa vyo gushinga ivyo bimenyetso mu kiyaga Tanganyika bitangura mu mwaka uza.

Ku mugabane wa Afrika wose, abategetsi b'ibihugu bigize ishirahamwe rya Africa, UA/AU, bihaye ihangiro ry'uko mu 2027 imbibe ziri hagati y'ivyo bihugu zoba zose zashizweko ibimenyetso.

Gushika ubu hari amatati arenga ijana muri Afrika aturutse ku mbibe zitagira ibimenyetso.