Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
DRC-Covid: Prezida Tshisekedi yiteje urukingo Moderna rwa Covid
Umukuru wa Repuburika ya Demokrasi ya Congo Felix Tshiseketi yiteje urucanco rwa Moderna rwa Covid -19 inyuma y'amezi yari aheze yanse urwa AstraZeneca avuga ko atarwizeye.
Gushika ubu abategetsi ba Congo bari bakigonanwa guhimiririza abantu kwicandagisha.
Mu gihugu cose abangana n'umwe kw'ijana (1%) nibo bonyene bamaze kwicandagisha.
Mu kwezi kw'indwi prezida Tshisekedi yari yavuze ko adashaka kwiteza AstraZeneca kubera impungenge z'uko rushobora gutera ukuvura kw'amaraso. Ariko ko azokwiteza urundi hamwe rwoboneka.
Yongeye avuga ko amaze kubura incuti kubera iyo ndwara, ko rero urucanco ari yo nzira yo gufata.
Ku ndwi iheze Congo Kinshasa niho yaronka incanco za mbere za Moderna zishika ibihumbi 250.
Muri Congo ibiharuro bizwi icese vyerekana ko hamaze gupfa abantu 1.000 bahitanywe na Covid.
Ico gihugu gisanzwe cugarijwe n'ibindi bibazo vyinshi vy'indwara harimwo mugiga (meningite) imaze kwica abatari munsi ya 120 kuva mu kwezi kw'indwi