Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Uwuserukira Kenya muri Namibia aranegurwa kwifotoza n'impongo yapfuye
Uwuhagarariye Kenya muri Namibia ariko aranegurwa bikomeye ku mbuga hwaniro inyuma yo kugaragara kw'ifoto ari iruhande y'impongo yapfuye afise inkoho mu minwe.
Benjamin Langat, ataco aravuga kuri iyo foto, yagirijwe na bamwe kuri twitter guca kubiri na poritike ya Kenya yo kwiyemeza gukingira ibikoko vyo mw'ishamba n'ubwo yari afise uruhusha rwo guhiga muri Namibia.
Umwe yanditse kuri twitter ati: "N'aho muri Namibia guhiga vyemewe n'amategeko … k'uwuserukira Kenya Ambassadeur Hon Benjamin Langat kubijamwo… aba yishe poritike n'icemezo cayo c'uko Kenya iza imbere mu gukingira ibikoko vyo mw'ishamba kandi igashira imbere ingendo yo kutarya ivyo bikoko. URATEYE ISONI"
Benshi bagize ico bavuga ku gihushane c'iyo foto n'iyindi nyandiko ibiro vy'umukuru w'igihugu vyashize ku mbuga hwaniro umukuru w'igihugu ashimagiza amashirahamwe aharanira gukingira ibikoko vyo mw'ishamba ingene yagwanije guhiga ibikoko mu buryo butemewe n'amategeko - umwe mu bandika kuri twitter akaba yasavye uwo ahagarariye Kenya gutanga imihoho (kwegura).
Kenya yaciye guhiga mu 1977 kugirango ikingire ibikoko vyo nw'ishamba.
Namibia yo iragurisha impusha zo guhiga igakoresha amafaranga avuyewo mu gukingira ubwoko bw'ibikoko bugeramiwe.
Hagati aho Kenya nico gihugu kiza ubugira kane kw'isi gifise inzovu nyinshi, hakurikijwe ibimaze kuja ahabona mu cegeranyo cavuye mu rusansuma rw'ibikoko ruherutse kuba.
Ico gihugu gifise inzovu 36.280 , bivuze ko ziyongeyeko izishika 2.700 kuva aho haheruka kuba rusansuma mu 2017.
Ibihugu vya Zimbabwe, Botswaba na Tanzania nivyo vyonyene bifise nyinshi gusumba aho.
Muri iyi myaka , ibikoko muri Kenya vyagiye biragabanuka cane kubera kubihiga bidaciye mu mategeko hamwe no kubivogera kwatumye bitakaza aho bisanzwe biba n'amayira yo kugisha.
Ariko urwego rwa Kenya rwo gukingira ibikoko vyo mw'ishamba (Kenya Wildlife Service, KWS) ruvuga ko rusansuma rwakozwe hagati yukwezi kwa gatanu n'ukwezi kw'indwi, rwasanzwe haragabanutse impfu z'inzovu, rinoserosi (rhinos) n'ubundi bwoko bw'ibikoko buri ku mushiro.