Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Prezida Samia Suluhu avuga ko atangazwa n'abibaza ko Kenya na Tanzania ari abakeba
Mu rugendo arimwo muri Kenya, prezida wa Tanzania Samia Suluhu yabwiye inama nshingamateka y'ico gihugu ko inzitizi zikwiye kuvanwaho, hakaba ugufashanya haguhiganwa.
Yasavye kandi ko ivyo bihugu bibiri vyoshira inguvu hamwe mu kwiteza imbere.
Prezida Suluhu yavuze ko atangazwa n'abantu bibaza ko Kenya na Tanzania ari abakeba, ko imigenderanire y'ivyo bihugu ari iyo gushamirana.
Yagize ati: "Ndatangazwa n'abantu bamwe bamwe bibaza ko Kenya canke Tanzania bishobora kwibako kimwe kidakeneye ikindi. Ikibabaje gusumba, bibaza ko ivyo bishoboka igihe igihugu kimwe kigiye kiratega imitego ikindi.
"Abo ni abantu bikunda, batabona kure kandi bafise intumbero mbi."
Prezida Suluhu, mw'ijambo ryatwengeje abashingamateka ba Kenya, yavuze ko bakwiye kwunga ubumwe ngo kuko n'ibikoko vyo mw'ishamba vyo muri ivyo bihugu vyimira mu gihugu kimwe bikaja kuvyarira mu kindi.
Yagize ati: "Imana yaraduhezagije ibi bihugu bibiri bibanyi. Duhana urubibe ku butaka no mu mazi. N'ibidukikije turabisangiye.
"N'ibikoko bigize umuryango umwe kandi birabana. Hari ivyimira muri Kenya bikaja kuvyarira muri Tanzania. Iyaba ibikoko bifise ubwenegihugu, biba bifise ubuhe?"
Samia Suluhu yabwiye inama nshingamateka na nkenguzamateka vya Kenya ko Tanzania izofashanya n'ico gihugu mu ntambara yo kugwanya coronavirus.
Yavuze ko igihugu ciwe catanguye gufata ingingo zo kugwanya ico kiza ca Corona harimwo guhagarika ingendo zo mu bihugu habonekamwo ubwandu bwinshi.
Prezida Suluhu yavuze ko Tanzania atari izinga ryirebanga mu ntambara yo kurwanya coronavirus, kandi ko mu kurindira icegeranyo c'umugwi w'abahinga yashizeho, ico ngo azi neza, n'uko ari ngombwa gufashanya n'ababanyi.
Prezida wa Tanzania, umupfasoni Samia Suluhu yanavuze ko anezerezwa n'uko mu nama nshingamateka ya Kenya batanguye gukoresha ururimi rw'igiswahili ngo kuko bituma akurikirana ibikorwa bihabera.