Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Thomas Sankara: Urubanza rw'abagirizwa urupfu rwiwe ruratangura mu kw'icumi
Urubanza rw'uwahoze ari umukuru wa Burkina Faso Blaise Compaoré n'abandi 13 bagirizanywa mu ruhara rw'iyicwa rya Thomas Sankara ruzotangura itariki 11 ukwezi kw'icumi.
Urwo rubanza ruzocirwa ku mugaragaro mu bantu nk'uko vyamenyeshejwe kuri uyu wa kabiri n'abashikirizamanza ba gisirikare ku murwa mukuru Ouagadougou.
Compaoré, ubu aba mu buhungiro kuva aho ananiriwe no guhindura ibwirizwa nshingiro mu 2014 kugira agume ku butegetsi.
Aba muri Côte d'Ivoire, akaba ashobora kuzocirirwa urubanza impaga, ni ukuvuva atahari.
Umutahe wo kumufata wasohotse mu 2015.
Mu kwezi kwa kane, sentare ya gusirikare ya Burkina Faso yamwagirije ivyaha vyo guhungabanya umutekano w'igihugu, gufatanya mu kugandagura no kunyegeza ibiziga (imirambo).
Ariko Compaoré yagumye ahakana uruhara urwarirwo rwose mu rupfu rwa Sankara.
Sankara, benshi bita Che Guevara wo muri Afrika, yagandaguwe itariki 15 ukwezi kw'icumi mu 1987, aca asubirirwa na Blaise Compaoré yari asanzwe ari umugenzi wiwe cane.
Kuva yishwe, aho Sankara yahambwe ntihigeze hamenyekana.
Mu 2015 habaye igikorwa co kuzura ibisigarira biri ahibazwa ko ariho yahambwe kugira bisuzumwe ko vy'ukuri ari we.
Ico gikorwa cari casabwe kuva kera cane n'umuryango wiwe, ariko prezida Compaoré ntiyigeze atanga uruhusha rwo kugikora.
Sankara yishwe afise imyaka 37 amaze gutwara Burkina Faso imyaka ine kuva mu 1983 abanje gutembagaza ubutegetsi.
Muri Afrika gushika ubu hari abantu benshi bamufata nk'ikimenyetso c'impinduka (revolution) no kwanka kuganzwa n'ibihugu vya rutura.
Ariko hari n'abafata ko yabaye umutegetsi w'igitugu kuko yashitse ku butegetsi atembagaje ubundi, kandi ngo yashira imbere 'discipline' (kwigenza neza) imbere y'agateka ka zina muntu.