Ethiopia-Tigray: America na Buraya bariyamiriza igitero c'indege caguyemwo abantu benshi

Ingabo za Ethiopia zahakanye zivuye inyuma ko zitatumbereje ku banyagihgu basanzwe mu gitero c'indege co ku wa kabiri mu kigwati ca Togoga mu ntara ya Tigray.

Ariko BBC yabonye ivyemezo vy'abagore n'abana bakomeretse bariko baravurirwa mu bitaro vya Aider vyo muri Mekelle imyuma y'ico gitero.

Umuganga kuri ivyo bitaro yabwiye BBC ko nibura abantu 60 bishwe n'abandi 40 bakomeretse.

Bamwe mu bakomeretse bagaragara bafise ibikomere bikomeye bisa n'uko vyatewe n'ibivunji vy'ama bombe.

Abaforoma muri ivyo bitaro babwiye BBC ko abantu bakomerekejwe kandi n'amabuye yaturikijwe n'ayo mabombe.

BBC yabwiwe kandi ko abasirikare ba Ethiopia babujije nyinshi mu modoka zitwara abarwayi - ambulance - gushika muri Togoga - zibiri zonyene akaba arizo zemerewe kurengana.

Abashoboye gushika ku bitaro bavuga ko babonye abandi benshi barambaraye hasi ariko ko batamenye niba bari bapfuye canke bagihema.

Ayo makenga afiswe kandi n'umuryango utarabara imbabare CICR wavuze uti: "Birakenewe cane ko intumwa z'ubuvuzi zubahwa kandi zigakingirwa buri igihe."

US na EU bariyamiriza ico gitero

Ishirahamwe rya Buraya na Reta Zunze Ubumwe za Amerika bariyamiriza igitero c'indege bivugwa ko cagabwe n'ingabo zo mu kirere za Ethiopia kigahitana ubuzima bw'abantu baharurwa muri mirongo mw'isoko rw'ikigwati kiri hafi y'umurwa mukuru wa Tigray, Mekelle.

Ishirahamwe rya Buraya rivuga ivyashhitse ''biteye impungenge cane'' aho abanyagihugu basanzwe (aba civil) batumberejwe n'ibigirankana.

Ababibonye babwiye BBC ko ku wa kabiri igisirikare cya Ethiopia kirwanira mu kirere cyarashe ku mujyi wa Togoga, uri ku ntera ya kilometero 25 uvuye ku murwa mukuru Mekelle wa Tigray.

Ingabo za Ethiopia zirahakana kuba zaratumbereje abanyagihugu basanzwe ariko zemeza ko zasubiriye kugaba ibitero kuri Tigray People's Liberation Front (TPLF) - wahoze ari umugambwe utwara intara ya Tigray - zifashishije ibitero vy'indege.

Amerika yasavye ko haba amatohoza yigenga kandi abakozweko n'ico gitero bashikire ubuvuzi ata ntambamyi.

Intabara yo muri Tigray imaze kuvugwamwo kenshi ibikorwa vyo guhonyanga agateka ka zina muntu n'amarorerwa.

Ico gitero c'indege muri Togoga bivugwa ko cahitanye benshi bagapfa abandi bagakomereka.

Umuryango utabara imbabare CICR uvuga ko wafashije kujana kwa muganga abakomeretse.

Ubu hari amakenga ko ugukomera kw'intabara mu bice bitandukanye vya Tigray hagati y'abagwanyi ba TPLF n'ingabo za reta - zifashijwe n'iza Eritrea - bizotuma akaga abantu barimwo muri iyo ntara kaba nabi gusumba, kuko ubu amashirahamwe y'abagiraneza ahura n'intambanyi zo gushikira abantu baharurwa muri za miriyoni bakorwako n'iyo ntambara.

Abantu ibihumbi n'ibihumbi, nkuko bivugwa n'amashirahamwe afasha, ntibashikirwa n'ubufasha, gutyo bakaba bashobora guhura n'ikibazo gikomeye co kubura ico barya.