Kenya: Umwana w'imyaka 12 yashoje ubwato mw'ijoro akiza nyina n'uwo yibugenze

Judith Anyango Akala

Umwana w'umukobwa w'imyaka 12 aherutse gukiza nyina n'uwo yibungenze mu kumujana kwa muganga agenda arasoza ubwato mw'ijoro mu mazi y'umwuzure.

Ivyo vyabereye mu ntara ya Busia mu burengero bwa Kenya.

Uwo muvyeyi, Judith Anyango Akala, yafashwe n'inda ku wa kabiri isaha icenda z'ijoro aca asaba umukobwa wiwe kumujana kw'ivuriro riri hafi kuko umugabo wiwe yari yacitse igicugu aja ku kazi.

Kubera ikigwati cabo ubu cugarijwe n'umwuzure kubera amazi y'ikiyaga Victoria biturutse ku mvura nyinshi, ubu uwo muryango uba mw'ikambi hamwe n'iyindi miryango yateshejwe izabo n'iyo myuzure.

Uwo mwana w'umukobwa yaciye asoza ubwato hatabona agenda aramurikisha ikimuri ca telephone ngendanwa ya nyina kugira agerageze kubona iyo aja.

Madame Akala avuga ko bagiye barasoza mu vyatsi no mu biti bagenda barazimira imbere y'uko bashika kw'ivuriro rya Rukala Model Health Center. Avuga ko urwo rugendo rwafashe nk'isaha.

Umuvuzi wo kuri iryo vuriro, Felix Pambula, yabwiye BBC ko uwo mugore n'umwana yari yibungenze bari gushobora gupfa iyo avyarira i muhira.

Yavuze ko "umwana yari afise uruzogi/urureri rwizingiye kw'izosi ryiwe. Umwana na nyina bari gushobora gupfa gutyo bakaba bari bakeneye kwitabwaho mu buryo budasanzwe".

Uwo muvyeyi n'umwana wiwe bemerewe kuva mu bitaro ku wa gatatu ariko yavuze ko batagira amafaranga yo kugura ivyo kurya kandi ko amahema babamwo ashuha cane birenze ku ruyoya.

Yabwiye BBC kandi ati: "Twararonse inzu ariko ntidushobora kuronka amafaranga yo kuyiriha angana n'ama shiringi ya Kenya 1.500 (ibihumbi birenga 30 mu mafaranga y'amarundi). Dusaba uwo wese yoshobora kudufasha".