Mali: Umugore yavyaye abana icenda, Dr Rurangwa ati: 'Ntabwo bintangaje'

Ubushikiranganji bw'amagara y'abantu bwa Mali bwashize ahabona ishusho y'abana batatu muri aba icenda

Ahavuye isanamu, MALI'S HEALTH MINISTRY

Insiguro y'isanamu, Ubushikiranganji bw'amagara y'abantu bwa Mali bwashize ahabona ishusho y'abana batatu muri aba icenda

Umugore w'umunya Mali yaraye avyaye abana icenda, kimwe mu bintu vy'imbonekarimwe.

Halima Cissé w'imyaka 25 yavyaye ejo ku wa kabiri abakobwa batanu n'abahungu bane mu bitaro vyo muri Maroc aho yari asanzwe arwarijwe, nk'uko bivugwa n'umushikiranganji wa Mali ajejwe amagara y'abantu, Fanta Siby.

Yavyaye abo bana bose abanje gukorwa (césarienne).

Ibipimo vya échographie yafashwe muri Mali no muri Maroc vyerekana ko umupfasoni Cissé yari kuvyara abana indwi, ivyuma bikaba bitashoboye kubona abandi bana babiri.

Ejo ku wa kabiri, Dr. Siby yavuze ko izi nzoya na nyina wabo "bameze neza". Ariko bazosubira muhira inyuma y'ikiringo c'indwi zitari nke.

Arakengurukira cane abaganga ba Mali na Maroc "berekanye ubuhinga budasanzwe maze uyu muvyeyi agashobora kwibaruka aba bana".

Itororokanirizo ry'amakuru Reuters rivuga ko iyi mbanyi y'umupfasoni Cissé yatangaje cane ico gihugu co mu burengero bwa Afrika n'abategetsi baco - ivyatumye igihe cose hari akagoranye aba bategetsi baca bihutira kumusimbana muri Maroc.

Umuvugizi w'ubushikiranganji bw'amagara y'abantu muri Maroc, Rachid Koudhari, yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP ko atari yiteze ko hari umuntu ashobora kuvyara abana benshi nk'abo mu gihugu.

'Ntabwo bintangaje' - muganga w'abagore wo mu Rwanda

Dr Rurangwa Théogène, muganga w'abagore ku bitaro vya gisirikare vy'u Rwanda (Rwanda Military Hospital), yabwiye BBC ko atatangajwe n'uko uyu muvyeyi wo muri Mali yavyaye abana icenda, kuko ari ibintu bishoboka n'aho bidakunze kubaho.

Dr. Rurangwa avuga ati: "Akenshi biba muri 'artificial fecundation' [uburyo bwo gusama butari ubwa kamere], [ariko] na 'division' [kwicamwo ibice kw'intanga] isanzwe [birashoboka]".

"...nk'uko umuntu avyara amahasa [impanga mu Kinyarwanda], bishobora kuba ko umuntu avyara amahasa menshi".

"Hari urubuto rumwe rushobora kuvyara benshi mu gitereko c'umugore iyo rwahuye n'intanga imwe y'umugabo..."

"Canke urubuto rumwe rumwe rw'umugore rugahura n'intanga imwe imwe y'umugabo..."