Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Tanzania-Dr Philip Mpango:Video y'umushikiranganji abeshuza ko yapfuye yaneguwe cane
Video ibabaje y'umushikiranganji wa Tanzania ajejwe ikigega ari imbere y'abamenyeshamakuru kubeshuza ibihuha vy'uko yapfuye yaneguwe cane, benshi bakavuga ko bitari bikenewe kandi ari ukumugirira nabi.
Ku ndwi iheze prezida John Magufuli yari yebeshuje ivyo bihuha , avuga ko Dr Philip Mpango akiriho kandi ariko aratora mitende.
Ku wa kabiri, Dr Mpango, ahagatiwe n'abakozi bo kwa muganga babiri , batambaye udufukamunwa, yasomye itangazo imbere y'abamenyeshamakuru mu bitaro vyitiriwe Benjamin Mkapa ku murwa mukuru Dodoma.
Yarakoroye aranahagirika kenshi kugira abashe gusubira guhema neza igihe yariko arasoma iryo tangazo.
Ntibizwi indwara agwaye iyariyo ariko yavuze ko yari afise "ingorane zo guhema" kandi ko yari akeneye umwuka(oxygene). Yavuze kandi ko yakize.
Uwutavuga rumwe n'ubutegetsi Tundu Lisu yaneguye abategetsi baretse ngo iryo tangazo rigenewe abamenyeshamakuru risomwe.
Ati: "Ninde yaretse umuntu arwaye ngo akore ivyo, yarakorora kandi ntiyari yambaye agafukamunwa. Yategerzwa kuba ariko araruhuka anavurwa.''
Lissu yongeyeko ati uko "n'ukwigira sindabibazwa''
Dr Mpango yageze ahantu ikigumbagumba kiramufata igihe yariko arahoza ababuze yongera asaba imbabazi ko atashoboye imigirwa yo gusezera icegera ca mbere c'umukuru wa Zanzibar Sef Sharif Hamad, yapfuye ku ndwi iheze ahitanywe na Covid-19,n'umunyamabanga mukuru mu biro vy'umukuru w'igihugu John Kijazi n'uwahoze ari umukuru wa banki nkuru y'igihugu Prof Benno Ndulu.
Dr Mpango ati: "Narababaye kubona ata n'umwe nashoboye guherekeza ariko ndabifuriza amahoro adashira."
Hamaze kuvugwa impfu nyinshi zifatiye kuri Covid-19 muri Tanzania ariko ntizigeze zemezwa icese canke naho vyavuzwe ko umugera wa corona atari wo waziteye.
Ariko ubu Tanzania ubu bwa vuba yarahinduye imvugo, ubu abategetsi ntibakivuga koi co gihugu ata Covid-19 ikirangwamwo ahubwo bagahamiriza abanyagihugu kwubahiriza amategeko yo kwikingira harimwo kwambara agafukamunwa.