Zanzibar: Maalim Seif Sharif Hamad yashinguwe aho yavuka i Pemba

Kuri uyu wa kane niho uwari icegera ca mbere c'umukuru wa Zanzibar Maalim Seif Sharif Hamad yashingurwa inyuma y'ibirori vyo kumusezera vyabereye mu gisagara ca Dar es Salaam bikabandaniriza mu mazinga ya Zanzibar.

Maalim Seif yapfiriye mu bitaro bikuru vya Muhimbili mu gisagara ca Dar es Salaam aho yariko aravurirwa. Umugambwe wiwe ACT-Wazalendo watangaje ko uyo mutegetsi yari arwaye Covid-19.

Ku mugaragaro ubutegetsi bwa Tanzania ntibwavuze icateye urupfu rwa Hamad.

Inyuma y'ibirori vyo kumusezera i Dar es Salaam, haciye hakurikira igisabisho cabereye mu musigiti wa Maamur, mu karere ka Upanga.

Mu mafoto ingene ibirori vyagenze i Dar es Salaam:

Inyuma y'igisabisho co kumusezera i Dar es Salaam, ikiziga caciye kijanwa ku kibuga ca Mnazi Mmoja muri Zanzibar aho abantu ibihumbi n'ibihumbi bari barindiriye kugira basezere ubwa nyuma uyu mutegetsi yasandavye ku wa kabiri.

Abategetsi batari bake harimwo abahoze barongoye Zanzibar harimwo Dr Ali Mohammed Shein, Abeid Amani Karume n'abandi batari bake bitabiriye iki bisabisho.

Mw'izinga rya Pemba aho yakuriye, bamaze kwumva urupfu rwiwe baguye mu gahundwe, amaduka atari make aca arugarwa, eka n'ibikorwa bitari bike bikaba vyaciye bihagarara.

Baciye ku mbuga hwaniro, abatari bake bavuga ko yari umutegetsi abona kure yashoboye kuzana ubumwe muri Zanzibar.

Yashinguwe ku mutumba wa Tambwe aho yavukiye mw'izinga rya Pemba.