Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umukenyezi w'umushikiranganji wa mbere wa Lesotho yatawe muri yompi
Igipolisi camenyesheje ko umukenyezi Thabane azosomerwa ivyaha yagirizwa na Sentare nkuru kuri uyu wa gatatu.
Hari haheze hafi ukwezi yarahunze, yinyegeje mu gihugu kibanyi ca Afrika y'epho, akaba yafashwe n'igipolisi kuri uyu wa kabiri avuhe mu gisagara ca Maseru.
Vyitezwe ko Maesiah Thabane amara ijoro rya mbere mw'ibohero inyuma yo guhatwa ibibazo bijanye n'urupfu rw'uwahoze ari umugore w'umukuru w'igihugu ariko bahukanye.
Umuyobozi mukuru w'igipolisi Holomo Molibeli yabwiye BBC ko uyo mukenyezi azokwitaba sentare nkuru ku musi wa gatatu, asomerwe ivyaha yagirizwa ku rupfu rw'uwo mukenyezi mu 2017.
Umukenyezi Lipolelo Thabane yagiranye ibibazo bijanye no kwahukana n'umushikiranganji wa mbere Thomas Thabane.
Yarasiwe hafi y'urugo rwiwe imisi ibiri gusa, imbere y'uko haba ibirori vy'ukwimika Thomas Thabane nk'umushikiranganji wa mbere.
Amakuru ajanye n'ukwagiriza Maesiah Thabane mu rupfu rw'uyo mukenyezi yari inkuru ikomeye mu kwezi guheze - aho benshi batangajwe no kubona yaciye ahunga.
Ikindi catangaje ni ukubon vyasa nk'uko umugabo wiwe yari afise uruhara muri urwo rupfu rubabaje, ariko ntagire ico abivugako.
Ntibiramenyekana neza nimba umkenyezi wa Thabane azosaba kurekurwa vy'agateganyo niyitaba sentare, ariko igipolisi kiza cavuze ko kitazobimwemerera, kuko cemeza ko ashobora gufata indege agahunga.