Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Igihugu ca Lesotho cahagurukiye umugera wa SIDA mu mabohero
Mw'ibohero rikuru ry'abagabo ku mugwa mukuru wa Lesotho, Maseru, abapfungwa bama baronswa inyigisho z'ingene bokwikingira umugera wa SIDA.
Iryo bohero ririmwo abapfungwa barenga 700, abategetsi bakavuga ko abarenga ica gatatu muri bo bawugendana.
Niho umugambi w'ugutanga udukingirizo ku bapfungwa watanguriye, haciye imyaka itatu.
Icigwa cakozwe mu mwaka wa 2016 cerekana ko abatari bake muri abo bapfungwa bakora imibonano mpuzabitsina batikingiye, bigatuma bashobora kwandura uwo mugera. Ico cigwa casavye ubutegetsi ko bwokwiragiza udukingirizo.
Umunyamakuru wa BBC Namukabo Werunga i Maseru, yavuganye n'umwe mu bapfungwa bari muri iryo bohero, aho yamubwiye ko abapfungwa benshi bakora imibonano mpuzabitsina kandi ko bitabiriye uwo mugambi w'udukingirizo.
Yamubwiye ati: " Maze kubona abantu benshi binjira ibohero bakaza ata mugera bafise, bagasangayo abandi bafise umugera kandi bakisanga bashobora gukorana imibonano mpuzabitsinda nabo. Benshi barakora imibonano mpuzabitsinda, ariko iciza ni uko benshi muri bo bakoresha utwo dukingirizo".
Eka no mw'ibohero ry'abagore utwo dukingirizo turiyo, aho abarenga igice c'abapfungwa 59 basanzwe bari muri ryo bagendana umugera wa SIDA.
N'aho ata cigwa kiraba kugira hihwezwe ko uwo mugambi woba waragize akamaro, abawuhagarariye bamenyesha ko hari icahindutse mu mibereho y'abapfungwa, kandi ko batagitinya kuvugana ibijanye n'ukwikingira mu gihe c'imibonano mpuzabitsina.
Hari icizere ko inyigisho baronswa ku bijanye n'amagara y'abantu bishobora kubafasha mu kubandanya bitaho amagara yabo, n'inyuma y'ukurekurwa.
Umushikiranganji w'ubutungane, Mokhele Moletsane, avuga ko yishimiye uwo mugambi.
"Biradutera intege kuko abapfungwa bariko bahindura inyifato. Iyo tubona udukingirizo tugenda duhera, bivuga ko turiko turakoreshwa".
"Nta cigwa turakora kugira turabe nimba koko uwo mugambi waragize akamaro, ariko turazi ko uwukoresheje agakingirizo aba yikingiye ku bice 94 kw'ijana".
Mu mwaka wa 2012, Lesotho yarakuye amategeko yahana abahuza ibitsina babisangiye, ariko abanyagihugu baracinuba cane rwose abantu nk'abo mu gihugu.
Avuga ku banegura uwo mugambi, umushikiranganji Moletsane avuga ko intumbero nyamukuru y'uwo mugambi ari ugukingira amagara y'abapfungwa.
"Si uguhimiriza abahuza ibitsina babisangiye canke guhamagarira abapfungwa gukora imibonano mpuzabitsina - ikiriho ni uko imibonano mpuzabitsina ikorwa kandi dutegerezwa gukora uko dushoboye mu gukwiragiza udukingirizo kugira abantu ntibabandanye bandura".
Ibiharuro vy'ikigo kijejwe kurwanya umugera wa SIDA, UNAIDS, vyerekana ko Afrika ariyo ifise ibitigiri binini vy'abagendana uwo mugera, kandi ko abapfungwa bari mu bageramiwe.
Igihugu ca Lesotho kiri mu bihugu bifise ibiharuro binini vy'abagendana umugera wa SIDA kw'isi, aho hafi ica kane c'abanyagihugu baco bangana imiliyoni zibiri n'ibihumbi 300 bawugendana.
Haciye imyaka itatu uwo mugambi utanguye kandi waramaze gukwiragizwa mu mabohero yose yo muri ico gihugu. Mu gihe biteye kubiri n'amategeko gutanga udukingirizo ku bapfungwa, abajejwe kudukwiragiza badushira ahantu abapfungwa bashobora kudushikira vyoroshe, nko hafi y'utuzu twa surwumwe.