Coronavirus: Kenya yiketse uwoba yanduye, 106 bamaze gupfa mu Bushinwa

Abantu 106 nibo bamaze guhitanwa na wa mugera mushasha wa coronavirus, mu gihe igitigiri c'abandura kigenda congerekana, ubu kikaba kigeze ku barenga 4500.

Ico gitigiri kigenda ciyongera mu gihe leta y'Ubushinwa iriko yita ku rutare kugira ngo ituze uwo mugera.

Igihugu c'Ubuyapani carungitse indege mu gisagara ca Wuhan hatanguriye iyo ndwara, mu ntumbero yo gutahukana abantu baco.

Uyo mugera waratandukiriye n'ibindi bihugu, aho ibishika 15 bimaze kwandukirwa hampande y'Ubushinwa.

Mu karere k'ubuseruko bwa Afrika, igihugu ca Kenya kiriko kirakurikiranira hagufi umuntu yiketswe ko yoba yanduye uwo mugera, aho yashikanywe mu bitaro vyitiriwe Kenyatta ku mugwa mukuru Nairobi.

Ubushinwa bwafashe ingingo zo kugabanya uruja n'uruza mu bice bibangamiwe harimwo Wuhan, hamwe n'intara ya Hubei.

Mu bisagara bitari bike, kwambara udutambara dupfuka umunwa n'amazuru ni itegeko.

Umugera wa coronavirus uronona ibihimba vy'ihemero bigatuma umuntu agira ingorane zo guhema, kandi gushika ubu nta muti canke urucanco ruraboneka.

Abenshi mu bamaze guhitanwa n'uwo mugera ni abo mu ntara ya Hubei.

Mu ntango hakarirwa abatama n'abatamakazi canke abari basanzwe bafise ibibazo vyo guhema, ariko nta makuru menshi arashikirizwa ku biraba abaherutse guhitanwa n'uwo mugera.

Coronavirus yifashe gute kw'isi?

Leta Zunze Ubumwe za Amerika zimaze kugabisha abanyagihugu bazo kwitondera ivy'ingendo zo mu Bushinwa, zinababuza kuja mu ntara ya Hubei.

Amerika kandi itegura gukura mu minsi iza abakozi bo mu biro vyayo vy'ubuserukizi mu gisagara ca Wuhan.

Eka n'Ubuyapani buriko bufata ingingo nk'izo. Butegura kurungika indege ejo ku wa gatatu gutahukana Abayapani bashika 200, bakazoba bari kumwe n'abaganga bazogenda barabakurikirana.

Ubufaransa nabwo nyene butegura gukura abanyagihugu babwo mu ntara ya Wuhan.

Video: Abatuye Wuhan bararirimba mu guhitisha umwanya

Ubwongereza ntiburafata ingingo nk'iyo ariko bwasavye abanyagihugu babwo kuva muri ico gisagara mu gihe vyobakundira.

Hagati aho, bamwe mu bongereza basanzwe baba mu ntara ya Hubei bafise ishavu kuko bavuga ko batabona ayo bacira n'ayo bamira.

Uno munsi, igihugu ca Philippines catangaje ko kigiye kwima impusha zo kwinjira muri ico gihugu (Visa) ingenzi zivuye mu Bushinwa.

Ishami rya ONU ryitaho amagara y'abantu OMS, rimenyesha ko abantu bashika 47 baba hanze y'Ubushinwa bamaze kwandura uwo mugera.

N'aho ata muntu arahasiga ubuzima, ibihugu vya Thailand, Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Australia, Singapour, Taiwan, Malaysia, Koreya y'Epfo, Ubuyapani, Ubufaransa, Vietnam, Nepal, Canada, Cambogge, Sri Lanka n'Ubudagi biramaze kwandukirwa n'uwo mugera.

Kenya hari uwiketswe

Amakuru avuga ko umuntu umwe yiketswe ko yoba yanduye uwo mugera yashikanywe mu bitaro vyitiriwe Kenyatta ku mugwa mukuru Nairobi kugira bamukurikirane.

Ibinyamakuru vyo muri ico gihugu bitangaza ko uyo muntu, umunyeshure, yiketswe mu gihe yari yururutse indege, ariho yaca ashirwa mu kibanza ca wenyene.

Bivugwa ko uyo munya Kenya yari avuye mu gisagara ca Guangzhou mu Bushinwa kandi ko abajejwe amagara y'abantu muri ico gihugu aribo bamwemereye ko ashobora gufata urugendo.

Ejo haheze, Kenya yaragabishije abanyagihugu bayo ko bokwirinda ingendo zo mu gisagara ca Wuhan, gushika aho uwo muhera uzotuzwa burundu.

Ubushikiranganji bw'imigenderanire y'ico gihugu bumenyesha ko bubandanya buvugana n'abanyagihugu ba Kenya bugaraniwe muri ico gisagara ca Wuhan, arico catanguye kubonekamwo uwo mugera.

Mw'itangazo bwasohoye, ubwo bushikiranganji bumenyesha ko abanyagihugu ba Kenya bashika 85 aribo bazwi ko baba muri ico gisagara.

Baciye ku rubuga rwa Twitter, basohoye ubutumwa bakoresheje urufunguruzo #KenyansInWuhan, aho basaba leta ko yokora ibishoboka ikabakura muri ico gisagara.