Abubacarr Tambadou: Umugabo yashikanye Aung San Suu Kyi muri Sentare mpuzamakungu

Abubacarr Marie Tambadou attends the Application of the Convention on the Prevention and Punishment of the Crime of Genocide Public hearings

Ahavuye isanamu, Getty Images

Umushikiranganji ajejwe ubutungane muri Gambiya Abubacarr Tambadou yarafashe umugambi wo gushengeza Aung San Suu Kyi muri Sentare mpuzamakungu y'ubutungane ituye Hague kubera igisirikare co mu gihugu ciwe cariko kirakora ihonyabwoko.

Umumenyeshamakuru Anna Holligan yashimye kumenya uyo muntu yashengeje umukenyezi ari mu rutonde rw'abahawe agashimwe k'amahoro kitiriwe Nobel.

Ntivyari vyitezwe ko Abubacarr Tambadou ava muri Gambiya kuza kwibonera amaso mu yandi, amabi adatahuritse impunzi zariko zibonera mu cisagara Cox Bazar, gitandukanya Bangladesh na Myanmar.

''Numvirije amakuru y'abacitse kw'icumu nsanga asa n'ayaranga ihonyabwoko nca ntangura gucengetera ku rubibe rwa Bangladesh mvuye muri Myanmar".

"Nasanze ari ibintu bikomeye kuruta amasanamu twacishije ko amaso kuri Televiziyo'' niko yabariye Radio BBC.

Abasirikare n'abanyagihugu basanzwe bategura ibitero ku bantu bo mu bwoko bw'aba Rohingha, bagaturira amazu, bagakura mu minwe y'abavyeyi inzoya zabo, canke bakabata babona mu muriro waka.

Bica abagabo, abigeme bagasambanywa ku nguvu n'imigwi y'abantu, bakongera bakabakorera ibindi vyaha bitandukanye bihagaze ku gitsina.

Muri Myanmar, aba Rohingya ni n'aba Islamu b'inkehwa mu gihugu kigizwe ahanini n'Aba Buddhista.

Co kimwe no mu Rwanda

Aya masanamu ateye ubwoba yanyibukije mu 1994 mu Rwanda igihe c'ihonyabwoko bavuga ko ryahitanye ubuzima bw'abantu ibihumbi amajana.

Vyasa cane n'ibintu vyakorewe Abatutsi mu Rwanda.

Bakoresha uburyo bumwe - mu kubakurako ubuntu, kubita ayandi amazina - vyasa n'ibimenyesto biranga ihonyabwoko.

Nkoresheje ubwenge bwanje naciye nsanga vyasa n'uko abayobozi Myanmar bafise umugambi wo guheza ubwoko bw'aba Rohingya.

Aba Rohingya baharugwa mu bihumbi amajana barahunze igihugu ca Myanmar bari mu makambi y'impunzi

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Aba Rohingya baharugwa mu bihumbi amajana barahunze igihugu ca Myanmar bari mu makambi y'impunzi

Igihugu ca Myanmar carahakanye ko cakoze ihonyabwoko.

Mundwi iheze casohoye icegeranyo, aho amatohoza ya Leta yerekana ko ubwicanyi bw'ikivunga bwavuye ku nteguro mbi yaranzwe n'ibitero vy'abasirikare ku banywanyi b'idini rya Islam.

Ico cegeranyo casohotse imisi mike imbere y'itegeko rya Sentare mpuzamakungu y'ubutungane, gisa n'ikigomba kweza abayobozi mu kuvuga ko batari bafise intumbero nk'iyo.

Muri Sentare Aung San Suu Kyi avuga ko aya matohoza yakozwe n'igihugu adakeneye ayandi yo ku rwego mvamakungu.

Tambadou avuga ko atigeze yiyumvira ko ataco yokora.

"Iyi si ni iya twese uko bimeze kwose", ijwi ryiwe ryaraduga uko yavuga.

Ku ruhande rwanje nararengewe n'ivyo numvise.

Nk'umuhinga mu mategeko, nibazako Myanmar ishobora kubazwa uruhara rw'ivyo yakoze kandi inzira yo kugira bibe kwari ugushikana ivyemezo vyanje imbere ya Sentare mpuzamakungu y'ubutungane.

Ahejeje kubona ko iyo Sentare mpuzamakungu y'ubutungane yagiye mu ruhande rw'iwe, igasaba ico gihugu gukinga ihonyabwoko, yahavuye abarira urunani rwa BBC ko yanezewe cane.

"Nibazako ibi biranga intsinzi y'ubutungane n'amategeko mpuzamakungu - kandi ni amakungu nyene - aserukiwe na Sentare mpuzamakungu y'Ubutungane- yanavuze mu majambo akomeye ko ata honyabwoko rizokwemerwa, mu nzira izarizo zose, no ku bantu baribo bose".

Kubw'uyu mucamanza yahoze ari muri Sentare mpuzamakungu mpanavyaha y'u Rwanda, yijanye weneye mw'ikambi ry'impunzi muri Bangladesh, avuga ivyo yakoze atari ikibazo citayemwo ariko gihagaze ku kwemera kwiwe.

Igihugu ca Myanmar kiracagirizwa ko carenze ku masezerano mpuzamakungu agenga ihonyabwoko.

Ibihugu vyose 149 vyemeje ayo masezerano vyari gushobora kugishengeza kugira ayo masezerano yubahwe, ariko Gambia, giserukiwe na Tambadou nico ico gikorwa, gishigikiwe n'ishirahamwe rihuza aba Islam, rihurikiyemwo ibihugu 57 bigizwe ahanini n'aba Islam.

Gambia yasavye Sentare mpuzamakungu y'ubutungane gushiraho itegeko ryihuta rijajnye n'ingingo mfatakibanza zofatwa mu gukinga ubundi bwicanyi, ugusambura amatungo yabo hamwe n'itororokanywa ry'ivyemezo vyerekana ko habaye ihonyabwoko ku banyagihugu baba Rohingya.

''Ubwoba''

Simon Adams, umukuru w'ikigo kijejwe uruhara rwo gukingira abantu, Global Centre for the Responsibility to Protect, yavuze ko habonetse umuntu umwe gusa w'umwete, afise ubumenyi n'ubuntu yagerageje gushengeza Myanmar kugira ibazwe ubwicanyi bw'agahomeramunwa.

Bamwe bari bafise amakenga ajanye n'ukwihora kw'u Bushinwa.

Abandi bavuzeko katari akanya keza, ko harimwo ukubibuzwa guhagaze kuri Politike, ariko n'ukwo yari yamenye ubuhinga bwo kugwanya gushirwako igitsure.

Yashitzweko ico twokwita igitsure c'ubwenge ariko yari yiteguriye ubuhinga bwo kuvyifatamwo.

Aung San Suu Kyi yicaye hafi ya Abubacarr Tambadou imbere ya Sentare mpuzamakungu y'ubutungane

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Aung San Suu Kyi yicaye hafi ya Abubacarr Tambadou imbere ya Sentare mpuzamakungu y'ubutungane

Yavutse mu 1972, mu gisagara ca Gambiya Banjul, ari hagati y'abana 18 bavukana. Wari umugenzo y'aba Islam wo kurongora abagore benshi, se wiwe yari afise abagore 3.

Akiri muto yari umunonotsi akomeye, yatsindiye imidari y'umupira w'amaguru itandukanye . ''Sinari umukinyi mubi '', niko yavuze mu kwicisha bufufi.

Acuditse n'abatotezwa

Uyu mugabo w'imyaka 47 y'amavuko ubwana bwiwe bwaranzwe n'amahigwe.

Umuryango wiwe ufise ubutunzi buri hagati na hagati ugereranije n'iyindi, avugako washobora kumwishurira amafranga y'amashule makuru mu gihugu, hamwe na kaminuza yo mu Bwongereza.

Kubera ubwoba bwo guteza isoni se wiwe, yaciye aheba ibijanye n'ukwinonora yakunda, aca afata inzira ya Kaminuza.

''Sinigeze ngomba kwiga amategeko ariko ikibanza ca Kaminuza nahawe ubwambere cabaye ico guca impamyabushobozi y'amategeko bituma mfata iyo nzira".

Inyuma yo kuronka impamyabushobozi, yasubiye mu gihugu ciwe atangura gukora nk'umushikirizamanza wa republika.

Kubera ukwitaho ibibazo vya politike muri Gambiya, be na bagenzi biwe batanguye kuvugira hejuru ibijanye n'ihonyangwa ry'agateka ka zina muntu.

Mu kwezi kwa 4 mu 2000, inteko zijejwe umutekano z'uwahoze ari umukuru w'igihugu Yahya Jammeh zugururiye umuriro w'amasasu ku bantu bari mu myiyerekano mu mutekano zica abanyeshule 14.

Yahya Jammeh yamze imyaka 22 ku butegetsi imbere yo guhunga ku nguvu

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Yahya Jammeh yamze imyaka 22 ku butegetsi imbere yo guhunga ku nguvu

Bwana Tambadou yararavye ingene abagenzi biwe cane batotezwa bagakatigwa, ariko umuryango wari ufise amakenga ajanye n'ingarukambi z'ukutavugarumwe n'ubutegetsi bwa Jammeh gushik'aho umuryango wiwe wamuhimirije kuronderera ayandi mahirwe hanze y'igihugu ciwe, arico catumye atangura gukorera ku rwego mpuzamakungu mu gisata c'ubutungane.

Ukwiha inzira yo guhunga kwamushikanye muri sentare mpuzamakungu ya Onu, yari mu bakoze kw'ihonyabwoko ryabaye mu wanda, aho yari ajejwe kuburanisha uwahoze ari umukuru w'ibiro bikuru vya gisirikare c'u Rwanda Majoro -Jenerale Augustin Bizimungu.

Yibaza ko ivyo yariko arakora kutari gusa ukuburanisha abanyagwanda bakoze ihonyabwoko, niko yavuze.

"Iyo yari inzira ku bwacu yo kurungikira ubutumwa abayobozi b'abanyafrika. Nasanze wabaye umubabaro wo gukenera ubutungane n'ububasha bwo kubaza abarongozi ku banyafrika, aho bwobaye ubutumwa ku munyarwanda gusa".

Akarorero k'agahugu gato

Intwaro ya Jammey itembagaye mu ntango z'umwaka 2017, Tambadou yasubiye mu gihugu gukora mu biro vy'umukuru w'igihugu Adama Barrow- umuyobozi wa mbere yaje gutwara igihugu inyuma y'imyaka 23.

Mu bubasha bwiwe bw'umushikiranganji ajejwe ubutungane yarajanye n'umushikiranganji ajejwe imigengderanire Ousainou Darboe ku biro bikuru vya Onu i New York.

Igihe Bwana Darboe atari ashoboye gufata urugendo rwiwe muri Bangladesh yaramusimbuye.

Umukenyezi w'umu Rohignya avugako abasoda bishe nyina wiwe.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umukenyezi w'umu Rohignya avugako abasoda bishe nyina wiwe.

Ariko ahandi hantu Tambadou ashobora hashobora vuba ni mu gihugu ciwe.

Imyiyerekano yadutse mu ndwi iheze i Banjul ku mugwa mukuru, aho abashigikiye uwahoze atwara ico gihugu basaba ko yotahuka mu gihugu ava muri Guineya.

Amajwi yafashwe yumvikana uyo yahoze ari umutegetsi ubu yahunze igihugu avuga ko ashigikiye iyo myiyerekano.

Umushikirangnji ajejwe ubutungane yibaza ko bidashoboka ko azogaruka ariko ko niyo yaza Jammeh azotabwa muri yompi.

"Ntakintu conezera nk'ukubona Jammeh abajijwe ivyaha yakoreye abanyagihugu ba Gambiya bato bato".

"Nagize amahigwe y'uko ata na kimwe twigeze dukorana. Naramugwanije kandi sinashigikiye igitugu n'agakandamizo vyabonetse kuva intwaro yiwe itanguye".

Abategetsi baratanguye ibiganiro bigamije gutora ikibanza ciza Jammeh yoshirwamwo ngo akatirwe ivyaha.

Inzira zose ziracari imbere ku ntebe, kugira ziharirwe - haba mu gihugu, mu karere canke ku rwego mpuzamakungu.

Tambadou yibaza ko aka ariko kanya ku gihugu ciwe ko gusaba ikibanza mu makungu mu bijanye n'agateka ka zine muntu, afise amatsiko akomeye. Tugomba kuba akarorero mu kurongora.

Gambia iciye kuri uru rubanza rwa Sentare mpuzamakungu y'ubutungane yereka amakungu ko bidakenewe kuba ufise igisirikare gikomeye canke ububasha mu vy'ubutunzi kugira werekane itotezwa.

Amategeko hamwe n'ubuntu biri mu bihugu vyose, caba gito canke kinini.