Abakenyezi ba Gambia batewe akamo inyuma y’aho uwahora ari Perezida yagirijwe ugufata ku nguvu

Ahavuye isanamu, FATOU JALLOW
Leta ya Gambia yateye akamo abagore n'abakobwa bose mu gihugu kumenyesha ihohotera rifatiye ku gitsina iryo ari ryo ryose boba barakorewe n'uwahoze arongoye ico gihugu, Yahya Jammeh.
Ako kamo gatewe inyuma y'aho uwahoze ari Miss, Fatou "Toufah" Jallow, abwiriye BBC ko yafashwe ku nguvu na Bwana Jammeh mu mwaka wa 2015 mu gihe yari akiri umukuru w'igihugu.
BBC yaragerageje kurondera Bwana Jammeh kugira imubaze kuri ivyo yagirizwa, ariko ntivyakunze. Asanzwe aba mu buhungiro mu gihugu ca Guinée Equatoriale.
Umuvugizi w'umugambwe wiwe, APRC, yarahakanye ivyo bagiriza uyo yahoze ari umukuru w'igihugu.
Mu rwandiko yarungikiye BBC, Ousman Rambo Jatta avuga ati:"Twebwe nk'umugambwe be n'abanyagihugu ba Gambia, turaruhishijwe n'ibirego bitagira mvura bibandanya bivugwa ku wahoze ari umukuru w'igihugu cacu".
"Uwahoze arongoye igihugu nta mwanya afise w'ukuvuga ku binyoma n'amajambo y'ukumucafuza. Ni umuntu yubaha Imana cane kandi umutegetsi asenga ata kindi kimuraje ishinga atari icubahiro aha abakenyezi ba Gambia".
Umwigeme Jallow w'imyaka 23 y'amavuko yabwiye BBC ko yipfuza guhura na Bwana Jammeh afise imyaka 54 y'amavuko muri sentare kugira ngo acirwe urubanza.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ivyo yamwagirije biri mu cereganyo c'amashirahamwe Human Rights Watch na Trial International kirimwo ibindi birego vy'ugufata ku nguvu n'ihohotera rifatiye ku gitsina vyagirizwa Bwana Jammeh.
Umushikirizamanza mukuru wa Repubulika, Abubacar Tambadou, yasohoye itangazo aho ashimira cane ubutwari bw'umwigeme Jallow.
Muri iryo tangazo, Bwana Tambadou avuga ko uyo yahoze arongoye igihugu yakoresheje ububasha bwiwe nk'umukuru w'igihugu mu guhohotera abanyagihugu, akavuga ko amakuru yajanye n'ivyo ugufata ku nguvu n'ihohotera rifatiye ku gitsina ari "ibintu bibabaje cane".
Leta yashinze umurwi ujejwe gutohoza amakuru y'ihonyangwa ry'agateka ka zina muntu ryakozwe mu myaka 22 Bwana Jammeh yamaze ku butegetsi.
Umukuru w'igihugu w'ubu, Adama Barrow, avuga ko arindiriye icegeranyo kizotangwa n'uwo murwi, imbere y'uko yihweza abasaba ko Bwana Jammeh yogarukanwa mu gihugu.










