Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Perezida Nkurunziza avuga ko u Burundi bugiye gutangura kwimba Coltan kuva 2020
Umukuru w'igihugu c'u Burundi Petero Nkurunziza amenyesha ko ubutare bwa Coltan n'ubutare buyiherekeza bwo muri Komine Marangara mu ntara ya Ngozi buzotangura kwimbwa mu mwaka uza wa 2020.
Mw'ijambo yashikirije Abarundi abipfuriza umwaka mwiza w'2020, Perezida Nkurunziza avuga ko igisata c'ubutare n'agataka cateye intambwe ishimishije cane, mu kwinjiza amahera y'amadolari y'Abanyamerika atari make.
Mu Burundi haravugwa ubutare bw'ubwoko butandukanye, ariko iyimbwa ryabwo riracari ku girero turo cane.
Muri iryo jambo, Perezida Nkurunziza avuga ko mu mwaka wa 2019, umwimbu wo mu gisata c'ubutare n'agataka wiyongereye ku bice 32 kw'ijana.
Ati: "… mu gihe ico gisata cari cinjije amadorari y'Abanyamerika yababa imiriyoni 59 mu mwaka w'2018, mu mwaka w'2019 cinjije amadorari y'Abanyamerika yababa imiriyoni 78".
Avuga ko hari ibikorwa bibandanya vyo kumenya urugero rw'ubutare bubarizwa kuri Waga, Nyabikere na Mukanda bizosozerwa mu mwaka wa 2020.
Muri ubwo burere bwa Nyabikere mu ntara ya Karusi, Waga mu ntara ya Gitega, haravugwamwo ubutare bwa Nickel, bwiyongera kubwo muri Musongati mu ntara ya Rutana, nayo mu karere ka Mukanda mu ntara ya Gitega hakaba harangwamwo ubutare bwa Vanadium.
Igisata c'ubutare kiri mu bisata leta ihagazeko kugira ngo ishobore kurangura Integuro y'umugambi w iterambere ry'igihugu (Plan National de Développement du Burundi , PNDB) mukiringo ca 2018-2027.
Mu mwaka wa 2017, niho ikompanyi Rainbow Rare Earths yatangura kwimba Amabuye y'utubuyenge (Terres Rares) i Gakara muri komine Mutambu avugwa ko ariyo ya mbere yimbwe ku mugabane wa Afrika.
Mu bice bitari bike vy'igihugu haravugwa ubwoko butari buke bw'ubutare nk'inzahabu, Nickel, coltan, cassiterite, tungstène, tantale n'ubundi.
N'aho ibikorwa vyo kubwimba bikiri ku rugero ruto, ico gisata c'ubutare kiri mu bisata vyinjiriza amafaranga mvamahanga gusumba mbere igisata c'ikawa n'icayi cari kimenyerewe, nk'uko umuvugizi w'ubushikiranganji bw'ubutare n'agataka aherutse kubibwira itororokanirizo ry'amakuru Reuters.