Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abanyarwanda 11 barapfunzwe i Burundi kubera ubutare
Sentare nkuru y'igihugu mu ntara ya Kayanza yakatiye abantu babiri imyaka 15 y'igipfungo abandi cumi bakatirwa imyaka 7 bagirizwa kwiba ubutare bwa coltan.
Baregwa kwiba no gushora ubutare hanze ku buryo butemewe n'amategeko, ivyo bakaba babikoreye muri komine Kabarore ihana urubibe n'igihugu cy'u Rwanda.
Buramtara w'intara ya Kayanza, Anicet Ndayizeye, yabwiye BBC ko bose uko ari cumi na babiri bafatanywe ubutare bwa coltan na casiterite, bakaba bari abanyarwanda 11 n'Umurundi umwe yabaherekeje.
Abajejwe umutekano babafashe mw'ijoro ryakeye, babafatana ubutare bungana itoni imwe n'ibiro mirongo ine n'indwi.
Baciye bashikirizwa umugenzacaha nawe aca abashikiriza sentare ibacira urubanza rw'ikibiriraho.
Buramatari Anicet yavuze ko muri abo bafashwe harimwo Umunyarwanda umwe yari abayoboye yakatiwe imyaka 15 co kimwe n'Umurundi yabereka aho baca.
Abandi cumi bakatiwe imyaka indwi umwe umwe wese bagiriwe n'icaha co kugira uruhara muri ico gikorwa.