Burundi: Agathon Rwasa avuga ko ‘Abarundi bategereje ubutegetsi butavangura’

Agathon Rwasa uyobora ishyaka CNL ritavuga rumwe n'ubutegetsi mu Burundi avuga ko Abarundi bategereje ubutegetsi butavangura.

Ishyaka CNL rikomeje ibikorwa bigaragara nko kwiyamamaza mbere y'amatora y'umukuru w'igihugu mu Burundi mu mwaka utaha.

Ejo ku cyumweru ubwo yariho afungura ingoro y'iri shyaka muri komine Marangara mu ntara ya Ngozi, Bwana Rwasa yamaganye akarengane gakorerwa abarwanashyaka ba CNL.

Iri shyaka rikunze kugaragaza ibikorwa by'urugomo, ubwicanyi, gusenya ingoro zaryo n'ibindi rivuga ko bikorwa na bamwe mu bari mu ishyaka CNDD-FDD riri ku butegetsi.

Uheruka kuvugwa ni Désiré Ntahondabasigiye, umuyobozi wa CNL muri komine Nyabiraba mu ntara ya Bujumbura wiciwe iwe arashwe n'abantu bataramenyekana kuwa gatanu.

Rwasa usanzwe yungirije umuyobozi w'Inteko ishinga amategeko mu Burundi ati: "Abarwanashyaka ariko bariyemeje kurushaho, nubwo bakomeje guhura n'amagorwa n'ingorane mu nzira yabo".

Bwana Rwasa yavuze ko ubutegetsi bugomba kurengera uburenganzira bwa muntu cyane cyane ubw'ubuzima. Ati: "Abarundi bategereje ubutegetsi butavangura".

Agathon Rwasa ni umunyapolitiki wamaze imyaka myinshi ayoboye umutwe w'inyeshyamba FNL mbere yo kugirana amasezerano y'ubwumvikane na leta mu 2006.

Inyeshyamba yari ayoboye zishinjwa ubwicanyi butandukanye harimo ubwakorewe impunzi z'abanyamurenge mu Gatumba mu 2004 ahishwe abarenga 150, barimo abana n'abagore.

Bwana Rwasa, yahakanye uruhare mu bwicanyi bwabaye mu Gatumba, avuga ko ibyabaye mu ntambara byabazwa ababikoze ku giti cyabo ko icyaha kitamubazwa ataragikoze.

Ishyaka CNL bwana Rwasa ayoboye ubu rifatwa nk'irya kabiri rikomeye mu gihugu rihanganye na CNDD-FDD riri ku butegetsi.

Amatora y'umukuru w'igihugu mu Burundi ateganyijwe mu kwezi kwa gatanu umwaka utaha.