Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Mu Burundi leta ivuga ko agateka ka muntu kubahirijwe - abatavuga rumwe nayo babibona ukundi
Umushikiranganji w'agateka ka zina muntu mu Burundi yemeza ko agateka ka zina muntu kubahirijwe mu gihugu, mu gihe abandi bavuga ibindi.
Ivyo biri mw'itangazo yaraye ashikirije mu ntumbero yo guhimbaza imyaka 71 ishize uyu munsi habaye amasezerano mpuzamakungu y'agateka ka zina muntu.
Ayo majambo atandukanye n'ivyo amashirahamwe aharanira agateka ka muntu avuga ko mu Burundi hari ihonyangwa ry'ako gateka rikorerwa cane cane abatavuga rumwe n'ubutegetsi.
Umushikiranganji Martin Nivyabandi avuga ati: "U Burundi buhimbaje uwo munsi mu gihe igihugu cose kirangwamwo amahoro n'umutekano, kandi agateka ka zina muntu kubahirijwe kuri bose".
Yibutsa ko ari akaryo ko kuzirikana neza ivyo ibihugu biba vyariyemeje mu gutsimbataza no mu gukingira agateka ka zina muntu.
CNL ibona ko hakiri vyinshi vyo gukora
Umugambwe CNL utavuga rumwe n'ubutegetsi urakunze kwerekana ko abanywanyi bawo bakorerwa ibikorwa vy'ihonyangwa ry'agateka ka zina muntu.
Terence Manirambona avugira uyo mugambwe yabwiye BBC ko mu gihugu hacibonekeza ibikorwa vyinshi bihungabanya uburenganzira bwa muntu.
Avuga ko gushika ubu hari abantu - cane cane abanywanyi babo - bahohoterwa, baterwa ubwoba, abanyuruzwa, abategekwa kwinjira mu mugambwe batipfuza.
Atanga akarorero k'umunywanyi wa CNL yitwa Berchmans Misago batazira "Cuma" yaburiwe irengero kuva ku wa 20 z'ukwezi guheze.
Mu kwezi kw'icenda, ishami ry'ishirahamwe mpuzamakungu ONU rijejwe kwubahiriza agateka ka muntu ryasohoye icegeranyo kivuga ko mu Burundi abatavuga rumwe n'ubutegetsi babandanya bakorerwa amabi atandukanye.
Ico cegeranyo kivuga ko mu gihugu harangwa ubwoba n'iterabwoba ku batavuga rumwe n'umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD.
Rénovat Tabu aserukira u Burundi i Geneve yariyamirije ico cegeranyo avuga ko "gishingiye ku binyoma kandi ko bifise intumbero ya politike".
Mu Burundi uwo munsi mpuzamakungu uzohimbazwa ku wa gatanu w'iyi ndwi igekenerezo rya 13 nk'uko bivugwa na Bwana Nivyabandi.