Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abahinga ba ONU babonye 'ihonyanga rikomeye ry’agateka ka zina muntu' mu Burundi
Umurwi ujejwe agateka ka zina muntu w'ishirahamwe ONU wakoze amatohoza mu Burundi uvuga ko wabonye ibikorwa 'bibi cane' bihonyaganga agateka ka zina muntu mu Burundi mu gihe ico gihugu citegurira amatora yo mu mwaka uza wa 2020.
Imbere y'uyu murwi ejo ku wa kabiri i Geneve, Doudou Diène arongoye abakoze ayo matohoza yavuze ko hari abarundi batekewe "n'ubwoba buvuye ku rwikeko, rushobora gutuma umunyagihugu w'umurundi uwo ari we wese ashobora kwisanga ari mu bibazo".
Uyo munyamategeko aremera ko "Uburundi nubwo butari mu gihe c'intambara", ariko akagabisha ko "icuka kiri mu gihugu giteye amakenga".
Uwuserukira Uburundi muri uwo murwi wa ONU Geneva yavuze ko ibivugwa n'uyu mugwi "bigamije gutyoza igihugu" kandi ko ari "icegeranyo c'ibinyoma".
Uwo murwi umenyesha ko kuva mu kwa gatanu kw'umwaka wa 2018 Uburundi burangwa n'ihonyangwa ry'agateka ka zina muntu aho hari abicwa, abanyuruza, abahagarikwa bagapfungwa bitajanye n'amategeko, ukubabarizwa igufa no kuburabuzwa".
Aba bakoze itohoza bavuga ko abakorerwa ibi ari abatavuga rumwe n'ubutegetsi mbere n'imiryango yabo canke abanse kwinjira mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD canke mu murwi w'urwaruka Imbonerakure ukukira uwo mugambwe.
Bwana Diène amenyesha ko abantu bategekwa gutanga intererano zirenze, harimwo izo gutegura amatora ya 2020, "mu gihe bahanzwe n'ubukene bugenda bwiyongera".
Bwana Diène avuga ariko ko intererano yategerezwa gutangwa n'abakozi ba reta ubu yahagaritswe nk'uko Prezida Petero Nkurunziza yabitangaje mw'ijambo yashikirijwe ku wa 30 z'ukwezi guheze kwa gatandatu kuko ayo bakeneye yabonetse.
Mu gihe Uburundi bwitegurira amatora ya 2020, uyo murwi usaba ko amakungu yokwama arikanuye, haba mu nteguro yayo no mu matora nyezina.
Avuga ko ata matora nyayo kandi yizewe ashoboka mu gihugu, mu gihe ari umugambwe uri ku butegetsi wonyene wiganziye urubuga, kandi ushaka kwiyitiranya n'inzego z'igihugu.
Uwo murwi uvuga uti: "Hagize uwerekana ibijanye n'ihonyangwa ry'agateka ka zina muntu mu Burundi, aca afatwa nk'uwushaka guhungabanya inzego".
'Icegeranyo c'ibinyoma'
Ambasaderi Rénovat Tabu aserukira Uburundi muri uwo murwi wa ONU i Geneve, avuga ko ayo majambo agamije gutyoza igihugu kandi ko ashingiye ku cegeranyo c'ibinyoma.
Avuga ati: "Uwo murwi waguye mu mutego w'abanyapolitike".
Kubwiwe, amatora yo mu mwaka wa 2020 ariko ategurwa hisunzwe urupapuro rw'inzira n'umurwi ujejwe amatora uri "ku kivi".