Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Burundi: Igipolisi kivuga ko kiri gukora itohoza ku bamenyeshamakuru 4 bafunze
Inkuru yavuguruwe
Igipolisi c'Uburundi catangaje ko kiriko gikora itohoza ku bamenyeshamakuru bane ba Journal Iwacu bafungiye kuri komisariya ya Bubanza.
Igipolisi ntabwo catangaje ivyaha bagirizwa, kivuga ko amatohoza akorwa mw'ibanga, nibiba ngombwa abo bamenyeshamakuru bazashikirizwa inzego zijejwe ubutungane.
Christine Kamikazi, Agnès Ndirubusa, Térence Mpozenzi, Egide Harerimana n'umushoferi wari ubatwaye Adolphe Masabarakiza bafashwe kuwa kabiri saa sita bafatiwe mu ntara ya Bubanza ahariko harabera imirwano y'ingabo za leta n'inyeshamba.
Gushika ubu aba bamenyeshamakuru b'ikinyamakuru Iwacu bapfungiye mu gasho k'igipolisi i Bubanza.
Ejo kuwa gatatu, babajijwe n'igipolisi ariko ico bagirizwa nticamenyeshejwe nk'uko bivurwa na Antoine Kaburahe, umuyobozi w'ico kinyamakuru.
Abategetsi ntabwo baratangaza ico abo bamenyeshamakuru bagirizwa.
Kuwa kabiri bari bagiye i Bubanza gutohoza amakuru y'gitero c'abitwaje ibirwanisho cari cabaye kuva mu gitondo c'uwo munsi.
Umushingwamanza wabo yajanye na Leandre Sikuyavuga - ajejwe uruganda rwabo rw'amakuru (editeur en chef) - aho babarizwa.
Aba bakavuga ko basanze abo bamenyeshamakuru barushe.
Ishirahamwe ry'abamenyeshamakuru mu Burundi (UBJ) ryiyamiriza uko bafashwe, bakakwa n'ibikoresho vyabo.
Iri shirahamwe risaba ko barekurwa kuko batari abagizi ba nabi, batagiye binyegeza, ahubwo bahagaritswe bari ku kazi kabo.
Amakuru ava mu Burundi avuga ko naho hatarashirwa ahabona ivyo bagirizwa, igipolisi cabagumije mu gasho.
Ishirahamwe rirengera abamenyeshamakuru muri Afrika rimenyesha ko "Abamenyeshamakuru bafise uburenganzira bwo gutororokanya amakuru ya yegereyegere, abajejwe umutekano bakabarinda aho kubafunga".
Antoine Kaburahe amenyesha ko bakomeje kurungikirwa ubutumwa bubihanganisha n'ubundi bubaca intege kuko hari bamwe bijijanya ico abo banyamakuru bagiye gukora i Bubanza.
Bwana Kaburahe avuga ko aba bamenyeshamakuru bari bagiye mu kazi kabo i Musigati mu Ntara ya Bubanza gutara amakuru kandi ko ivyo ari akazi gakwiye k'umunyamakuru.
Yandika ati: "Abamenyeshamakuru, b'ukuri, baja kurondera amakuru, ntabwo ari amakuru aza kubarondera mu biro vyabo".
Umumenyeshamakuru Jean Bigirimana w'iki gitangazamakuru Iwacu yafashwe mu kwezi kw'indwi 2016 n'abantu batamenyekanye, kuva ico gihe ntiyasubiye kuboneka.
Abakorana nawe bakeka ko yishwe kubera akazi kiwe.