Amacakubiri y'akataraboneka mu rukino Ubwongereza bwatsinze Bulgaria 6-0

Umukuru w'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Bulgaria, Borislav Mihailov, aratanze imihoho kubera ityozwa rishingiye ku rukoba ryaraye rikorewe abakinyi b'Ubwongereza.

Uno munsi, umushikiranganji wa mbere wa Bulgaria yari yamusavye gutanga imihoho kubera iryo abongereza baraye bakorewe mu rukino rwa nijoro ku mugwa Sofia.

Boyko Borissov "ariyamiriza bikomeye" iyo nyifato, yari igizwe n'indamutso y'aba Nazi n'indirimbo z'inguge.

Urwo rukino wahagaritswe incuro zibiri zose kubera inyifato y'ivangura rishingiye ku rukoba yerekanywe n'abafana ba Bulgaria.

Bwana Borisso avuga ati: "Nsavye ko Borislav Mihaylov atanga imihoho mu maguru masha nk'umukuru w'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru rya Bulgaria.

Yari yasavye umushikiranganji w'inkino guhagarika imigenderanire yose n'ishirahamwe, Bulgarian Football Union (BFU), harimwo "n'ayerekeye imfashanyo y'amahera " gushika Borislav Mihaylov atanze imihoho.

Muri urwo rukino rw'ukurondera uburenganzira bwo gukinira igikimbe c'ihiganwa rihuza imirwi nserukirabihugu i Bulaya, Ubwongereza bwatsinze Bulgaria 6-0.

Umushikiranganji w'inkino wa Bulgaria Krasen Kralev yavuze ati: "Umushikiranganji wa mbere yampamagaye mu kanya gaheze".

"Mu myaka ine iheze, Leta yarakoze ibishoboka vyose kugira ngo umupira w'amaguru muri Bulgaria utere imbere".

"Ariko kubera ibiherutse gushika, bafatiye ku kungene umupira w'amaguru wifashe n'ivyaraye bibaye nijoro.

"Umushikiranganji wa mbere yantegetse ko kuva uno munsi mpagarika amasezerano yose na BFU, harimwo n'ayerekeye amafaranga, gushika Borislav Mihaylov atanze imihoho".

Imbere y'uko urwo rukino rutangura, Mihaylov umukuru wa BFU yahoze ari umunyegori wa Reading, yaritwaye mw'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru i Bulaya, UEFA.

Yituye iryo shirahamwe avuga ko ivyariko bivugwa kuri urwo rukino vyari gutuma abantu babona ivy'ikumira ry'abakinyi b'abongereza gusumba urukino nyarwo.

Iryo tyozwa ry'ejo ku wa mbere, ryari rigizwe n'indamutso z'aba Nazi n'indirimbo zityoza abirabure ko ari inguge, ryakorewe abakinyi b'Abongereza, bituma urukino ruhagarikwa incuro zibiri mu gice ca mbere.

Rwatanguye guhagarikwa ku munota wa 28, umuhagarikizi abanza kuvugana n'umumenyereza w'Ubwongereza Gareth Southgate.

Haciye nk'iminota itanu urukino rwahagaze, rwarasubiye rurabandanya gushika ku munota wa 43 aho rwongeye guhagarikwa.

Ikibuga ca Vasil Levski gisa n'icari cugawe mu gihe c'urwo rukino inyuma y'aho Bulgaria ifatiwe ibihano kubera inyifato y'ivangura rishingiye ku rukoba mu nkino zayihuje na Kosovo hamwe na République tchèque