France: 'Gufungwa imyaka itatu' kuri Mpozagara yari umushikiranganji mu Burundi

Gabriel Mpzagara

Ahavuye isanamu, Dailymotion

Insiguro y'isanamu, Gabriel Mpozagara yari umushikiranganji w'ubutungane mu Burundi ubu ri imbere y'ubutungane mu Bufaransa

Gabriel Mpozagara yari umushikiranganji w'ubutungane ku butegetsi bwa Micombero hamwe n'umugore wiwe bari imbere y'ubucamanza i Paris ku birego birimwo "kugira urudandaza rw'abantu".

Bwana Mpozagara n'umugore wiwe bagirizwa kandi "gukoresha abantu mu kinyegero", gukoresha umuntu adafise ivya ngombwa", no "ugukingira ikibaba umuntu abaye mu gihugu bidaciye mu mategeko".

Uwo muryango kandi wagirizwa ko wakoresheje umuntu nk'umuja mu kiringo c'imyaka cumi. Abaregwa ariko bahakana ivyo bagirizwa. Ubushikirizamanza bubasabira gupfungwa imyaka itatu.

Ari imbere y'abacamanza, Méthode Sindayigaya, umurundi w'imyaka 39, yaravuze ivyamubayeko.

Igihe yava i Bujumbura mu 2008, yari azi ko agiye kurera umwana w'uwo muryango yari amugaye, waba mu karere ka Ville-d'Avray i Paris.

Méthode Sindayigaya avuga ko Gabriel Mpozagara n'umugore wiwe bari bamwemereye akazi k'amezi atatu, bakaba bari banamurihiye itike y'indege n'uruhusha rw'ukuba muri ico gihugu (visa).

Avuga ko igitabu ciwe c'inzira bakimwatse, baca bamukoresha nk'umuja mu rikingo c'imyaka 10 kandi bakaba batigeze banamuha agahembo kiwe.

Méthode Sindayigaya ati: "Bankoresheje nk'igikoresho, banyaka uburenganzira bwanje, baranyugaranira iwabo. Nakora iminsi indwi ku ndwi, ntanaruhuka. Naba mu nzu yo mu kuzimu, ahantu hakanye cane. Bangize umuja wabo. Ndibaza ko ubutungane buzontunganiriza".

Mpozagara na madamu bahakana ibyo baregwa

Uyo mugabo avuga ko yagiye kurekurwa mu kwezi kw'indwi umwaka uheze wa 2018, igihe umuntu yakora mw'ishirahamwe ry'ubwubatsi yari aje ku kazi yabwira igipolisi ko hari umuntu asa n'uwakubaguwe yari aryamye ku gatanda kabi mu nzu yo mu kuzimu.

Imbere y'abacamanza, Gabriel Mpozagara n'umugore wiwe barahakanye bivuye inyuma ivyo wagirizwa.

Bwana Mpozagara yavuze ko Méthode Sindayigaya yari afise uburenganzira bwo gutembera, ko atigeze yakwa igitabu ciwe c'inzira, ko ahubwo ari we atashaka kuva i muhira.

Sibwo bwa mbere uyo muryango wa Mpozagara - yigeze kuba umushikirizamanza mukuru wa Repubulika, umushikiranganji w'ubutungane hanyuma umushikiranganji w'ubutunzi mu myaka ya 1960 no mu myaka ya 1970 - yagirizwa ivyaha bisa n'ivyo.

Mu mwaka wa 2007, wari warengukishijwe imbere y'ubucamanza mu Bufaransa, uracibwa urubanza ariko urunguruza, mu rubanza rwari rwerekeye abishwa babo babiri bari bavuye i Burundi.

Umumenyeshamakuru wa BBC avuga ko uwo muryango ushobora gupfungwa imyaka itatu ukanatanda n'amande y'ibihumbi 150 vy'ama euro. Sentare izosoma urubanza ku wa 21 z'ukwezi kuza kw'icumi.