Leta y'u Burundi yagiriza ONU n'amakungu ko bamye barondera gucuvya demokarasi mu gihugu

Petero Nkurunziza yashitse ku butegetsi mu matora ya 2005 yatsinzwe n'umugambwe wiwe, CNDD-FDD

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Petero Nkurunziza yashitse ku butegetsi mu matora ya 2005 yatsinzwe n'umugambwe wiwe, CNDD-FDD

Leta y'Uburundi yagiriza amakungu n'ishirahamwe mpuzamakungu ONU ko bama bafata ingingo zicinyiza ubutegetsi bwa CNDD-FDD mu ntumbero y'ugucuvya intambwe igihugu kigezeko mu gutsimbataza intwaro rusangi.

Mu kiganiro catunganijwe n'ubutegetsi bw'Uburundi kuri uyu wa gatanu ku mugwa mukuru i Gitega ku biraba amatora yo mu mwaka uza wa 2020, abari bakirongoye baneguye amakungu.

Alain Diomede Nzeyimana icegera c'umuvugizi w'umukuru w'igihugu yagirije ONU n'ibihugu vya rutura ko vyamye vyirengagiza amabi yagiye arakorwa kuva u Burundi bwikukira.

Avuga kandi ko bamye baha impigi abashaka kudurumbanya igihugu. Muri iki kiganiro bagirije ibihugu vya rutura harimwo n'Ububiligi.

Abatavuga rumwe n'ubutegetsi mu Burundi bagiriza Perezida Petero Nkurunziza gutuma haba indyane za politike mu gihugu igihe yitoreza ikiringo ca gatatu.

Izi ndyane zatumye abantu bicwa abandi ibihumbi amajana bata izabo.

Bwana Nzeyimana, avuga ko kuva Uburundi bwikukira mu 1962 gushika ku mwaka wa 2005 - igihe CNDD-FDD - yashika ku butegetsi, ishirahamwe ONU ryafashe ingingo imwe (resolution) gusa ku Burundi.

Avuga ko ONU yarengeje uruho rw'amazi ku mabi yagiye ashikira igihugu mu myaka ya za 1960 gushika muri 1993, aho habereye itembagaza ry'ubutegetsi ryatumye igihugu cinjira mu ntambara yamaze imyaka irenga cumi.

Akavuga ko ariko ubu ONU imaze gufata ingingo zirenga 10 ku Burundi kuva mu 2005 gushika ubu.

Bwana Nzeyimana ariyamiriza ivyamye bisabwa n'amakungu ko leta y'Uburundi yoganira n'abatavuga rumwe na leta, harimwo n'abari bahungiye hanze, kugira ngo indyane zadutse mu mwaka wa 2015 zirangire.

"Abagumutsi bo gukurikiranwa n'ubutungane"

Ati: "Ico ONU yibagiye, kwari uko abenshi muri abo banyepolitike bahamagara ngo baje kuganira bari abasanzwe baronderwa n'ubutungane bw'Uburundi kugira ngo bishure ibibazo bibaraba ku bijanye n'uruhara bagize mu vyariko biraba mu Burundi".

"Muca mwumva rero y'uko, aho kugira ngo batere ivyatsi abantu bariko barica, baturira abantu mu gihugu, baza bavuga ngo leta niyo iriko irakora amabi".

Yagiriza ibihugu vya rutura kuba ari vyo bihungisha inkozi z'ikibi zisanzwe ziriko zironderwa, akavuga ko amazi yashuha yakanya, ubutungane bw'Uburundi butegerezwa kubakorerako.

Bwana Nzeyimana yagiriza ONU n'ibihugu vya rutura ko bitashimishijwe n'uko haje intwaro nshasha mu Burundi kuva mu mwaka wa 2005.

Yemeza ko indyane za politike zadutse mu mwaka wa 2015 zari imigumuko yari ishigikiwe n'amakungu yashaka gucuvya intwaro rusangi.

Abatavuga rumwe n'ubutegetsi bobo bavuga ko ibi vyatewe n'ukwitoza kwa Petero Nkurunziza mu kiringo ca gatatu vyari biteye kubiri n'ibwirizwashingiro n'amasezerano y'amahoro ya Arusha ya 2000.

Mu mwaka wa 2018, leta y'Uburundi yarahinduye ibwirizwashingiro, abatari bake bakabona ko yari inzira ya Perezida Nkurunziza yo gusubira kwitoza mu kindi kiringo ariko akaba yaratangaje ko atazosubira kwitoza.