Buyoya agabisha ko amacakubiri y'amoko ashobora kwaduka kandi kubera umutahe yarungikiwe

Ahavuye isanamu, AFP
Uwahoze arongoye Uburundi, Pierre Buyoya, aragabisha ko amacakubiri y'amoko ashobora gusubira kwaduka kubera imitahe we n'abo bagirizwa hamwe urupfu rwa Ndadaye Melchior 16 baherutse kurungikirwa n'umushikirizamanza mukuru wa republika.
Bose ko ari 17 bagirizwa kugira uruhara mw'iyicwa ry'umukuru w'igihugu wa mbere w'umuhutu yitorewe n'abanyagihugu itariki 21 z'ukwezi kwa cumi mu 1993.
Urupfu rwa Melchior Ndadaye rwatumye haduka intambara ishingiye ku moko yahitanye abantu barenga 300.000 mu myaka 12 hagati y'igisirikare kigizwe n'inkehwa z'abatutsi hamwe n'imigwi yitwaje ibigwanisho y'abahutu.
Pierre Buyoya, umututsi, yatwaye Uburundi incuro zibiri akuye ku butegetsi abandi akoresheje igikenye, avuga ko iyo mitahe ifise intumbero ya politike.
Yagiriza reta y'Uburundi kutisunga amasezerano ya Arusha yavuga ko ikibazo c'iyicwa rya Ndadaye gitegerezwa gutorerwa inyishu biciye mu kanama kajejwe kumenyekanisha ukuri no kurekuriranira.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ku musi wa gatandatu, ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika Pierre Buyoya asanzwe akorera ryaranebaguye itangwa ry'iyo mitahe, rivuga ko hari hakwiye gushirwa imbere ibiganiro vyo kurangiza amatati yari ahasanzwe.
Buyoya ubu ari mu bantu bubashwe muri Afrika.
Yaragize uruhara mu biganiro vyo kurangiza intambara bituma haba n'amatora yo 2005, aho uwahoze ari umugwanyi Pierre Nkurunziza yatorwa kuba prezida.
Ingorane zimaze iminsi mu Burundi zavuye ku kutumvikana ku kiringo za gatatu ca prezida Nkurunziza, akaba yatsindiye kurongora Uburundi ikiringo kigira gatatu mu 2015.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Pierre Buyoya w'imyaka 69, ubu aserukira ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika muri Mali avuga ati:"Nababajwe no kwumva ibintu nagirizwa bikomeye cane binteza urubwa bikankurako n'agateka."
Abantu amajana n'amajana barapfiriye mu ruhagarara rwadutse kuva mu 2015, bamwe mu barenga ibihumbi 400 bahunze n'ubu bakaba batarahunguka.
Imbere y'uko haba inama ihuza abakuru b'ibihugu b'akarere itegekanijwe itariki 27 z'ukwezi kwa cumi na kabiri, ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika rivuga ko "impande zose zikwiye kwirinda ingingo za politike n'ubutungane vyotuma bigorana gusumba gutora inyishu y'ingorane Uburundi burimwo ubu."










