Amareresi y’ububeshi yarakokeje indyane muri Afrika y’Epfo

Ino ndwi yaranzwemwo imigumuko yavuzwe cane muri Afrika y'Epfo, aho abari muri yo biziziye abanyamahanga baturuka mu bindi bihugu vya Afrika, aho harimwo mbere n'abahasize ubuzima.

Hagati aho, hari amasanamu n'amareresi menshi cane yagiye ahanahanwa ku mbuga hwaniro, cane cane Whatsapp, avuga ko vyari ibiriko birabera muri Afrika y'Epfo.

Amwe muri ayo masanamu n'amareresi yakwiragijwe cane vyabonetse ko ivyo yavuga bitari ibiriko biraba, amwe akaba ari aya kera, ayandi akaba yavuye ahandi, ariko aca akoreshwa mu gusigura ibintu bavuga ngo biriko bibera muri Afrika y'Epfo, nk'uko bisigurwa n'abahinga mu mareresi Nikita Mandhani na Anthony Irungu ba BBC Africa.

Akarorero ni nk'ireresi yerekana ibintu nk'ibi yakwiragijwe cane rwose kuri za Whatsapp. Yerekana inzu yariko irasha, n'abantu bariko bakoroka bava hejuru muri yo.

Abayikwiragiza bavuga ngo ni iyo muri Afrika y'Epfo, ariko iyi nzu yariko irasha yari iyo mu gisagara ca Surat mu burengero bw'Ubuhindi, ikaba yahiye mu kwezi kwa gatanu uno mwaka.

Iyindi reresi yerekana umugabo yariko araturirwa yagirijwe ko yari yivye agasaho k'umugore. Iyo reresi yarazungurutse cane kuri WhatsApp avuga ko yerekana ivyariko birashikira abanyamahanga muri Afrika y'Epfo.

Ariko abahinga barerekanye ko iyo reresi yari koko iyo muri Johannesburg muri Afrika y'Epfo, ariko ko yari yafashwe mu kwezi kwa mbere uno mwaka.

Uravye, imbuga hwaniro zirimwo amasanamu n'amareresi akokeza urwanko n'ukwinubana muri ico gihugu, kandi abatari bake ugasanga birabagora kumenya ay'ukuri n'ayatari ay'ukuri.

Igituma ibintu bigorana, ni uko mu bisanzwe ayo masanamu n'amareresi yerekana ibintu biba vyarabaye, ariko bakayahindura akaboneka nk'ayariko yerekana ibiriko biraba muri Afrika y'Epfo.

Nikita Mandhani asigura ko mu bisanzwe, imigumuko yizizira abanyamahangamuri Afrika y'Epfo yatanguye mu mwaka wa 1994, ija kwunyuka mu 2008, hanyuma mu 2015.

Ibintu vyagiye kuba nabi cane gusumba uno mwaka kubera izi mbuga hwaniro zashiramwo agacanwa kubera amakuru atari yo yagiye arakwiragizwa kuri zo.

Anthony Irungu ahanura abakoresha izo mbuga ko "iyo ubonye ikintu ico ari co cose kiriko kirakwiragizwa ku mbuga hwaniro wobanza ukagitohoza, ukibaza ibibazo imbere y'uko wemera ivyo bakubwiye canke imbere y'uko nawe ubikwiragiza".