Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Uyu munsi urubanza rw'indege ya Tanzania yafatiwe muri Afrika y'Epfo rwatanguye kwumvirizwa
Kuri uyu wa gatanu, hatanguye urubanza hagati ya kompanyi y'indege ya Tanzania, Air Tanzania, n'abayifatiye indege yayo mu ndwi iheze mu gisagara ca Johannesburg.
Umurwi utari muto w'intumwa za Tanzania harimwo uwuserukira Tanzania muri ico gihugu n'umudereva yari yatwaye iyo ndege muri Afrika y'Epfo ku wa gatanu w'indwi iheze, bari bitavye urwo rubanza.
Iyo ndege ya Air Tanzania yafashwe kw'itegeko rya Sentare nkuru y'ico gihugu mu gisagara ca Johannesburg ku gisabo c'uwahoze ari umurimyi avuga ko leta ya Tanzania itamurishe indishi y'akababaro kw'itongo ryiwe yatswe mu myaka ya 1980.
Ababuranira uyo murimyi w'umukukuruke babwiye sentare ko iyo ndege yasabwe guhagarikwa kubera bafise ivyemezo ko yegukira leta ya Tanzania, kandi ko igiciro cayo gihakwa kungana n'amafaranga imufitiye.
Nyene kwitwara avuga ko yari yemerewe imiliyoni 33 z'amadolari ya Amerika mu myaka ya 1990, ariko leta ikaba yamurishe imiliyoni 20 zonyene z'amadolari.
Rero uyo murimyi akaba ariko arondera ko yurihwa amahera asigaye ageretsweko n'inyungu be n'indishi y'akababaro ku gahombo yagize.
Ku wa gatatu w'iyi ndwi, abantu amajana n'amajana barihaye amabarabara imbere y'ibiro vy'uwuserukira Afrika y'Epfo, basaba ko iyo ndege irekurwa.
Umwe mu bari muri yo yari afise icapa canditseko kiti: "Mwibuke ko twahaye imfungurwa, ubutaka n'ubumenyi abarwanyi bariko barwanira ubwigenge bwanyu, ariko ubu Ramaphosa ahaye ikibanza abansi bacu! Rekura indege yacu".
Leta ya Tanzania yemeye ko hari amahera ifitiye uyo murimyi, ariko ikavuga ko Afrika y'Epfo ata bubasha ihabwa n'amategeko yo kwisuka muri ico kibazo.