Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Amajana y'abatanzania bihaye amabarabara i Dar es Salaam basaba ko indege yabo irekurwa
Igipolisi ca Tanzania ejo carashwiragije abantu amajana n'amajana bari mu myiyerekano imbere y'ibiro vy'uwuserukira Afrika y'Epfo, basaba ko indege yabo yafatiwe muri ico gihugu mu ndwi iheze irekurwa.
Indege Air Tanzania Airbus 220-3 yarahagaritswe n'abategetsi ba Afrika y'Epfo ku wa gatanu kw'itegeko rya Sentare nkuru y'ico gihugu.
Uwahoze ari umurimyi wa Afrika y'Epfo, yavuze ko iyo ndege yahagaritswe kubera leta ya Tanzania itamurishe imiliyoni 33 z'amadolari nk'indishi y'akababaro kw'itongo ryiwe yatswe mu myaka ya 1980.
Abari muri iyo myiyerekano mu gisagara ca Dar es Salaam baririmba mu giswahili bavuga bati: "Dukeneye ko indege yacu igaruka".
Umwe mu bari muri yo yari afise icapa canditseko kiti: "Mwibuke ko twahaye imfungurwa, ubutaka n'ubumenyi abarwanyi bariko barwanira ubwigenge bwanyu, ariko ubu [Perezida Cyril] Ramaphosa ahaye ikibanza abansi bacu ngo badukubite! Rekura indege yacu".
Umukuru w'igipolisi ca Dar es Salaam avuga ko bamwe mu bateguye iyo myiyerekano bahagaritswe.
Asaba Abatanzaniya gutekana kubera ababuranira leta ya Tanzania bari muri Afrika y'Epfo gusaba ko iyo ndege irekurwa.
Inyuma y'imyaka itari mike ariko ataka atakamba ngo asubizwe utwiwe, uyo yahoze ari umurimyi yahavuye afatwa nk'uwuri ku butaka bwa Tanzania bicadiye mu mategeko.
Leta yoba yamuhaye intica ntikize nk'indishi y'akababaro, inyuma y'aho ifatiye itongo ryiwe n'ibikoresho vyose vyari muri ryo.