Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Tanzaniya yaronse indege nshasha Airbus A220-300
Igihugu ca Tanzaniya cashikanye indege nshasha caguze, Airbus A220-300, izofasha gutwara abantu n'ibintu n'ishirahamwe ry'igihugu Air Tanzania.
Iyo ndege yakozwe n'ihinguriro ry'indege Airbus, iri mu bwoko A220-300.
Iyo ndege yahawe izina Dodoma, umugwa mukuru wa Tanzaniya.
Iyo ndege ishitse mu gihe hari haheze amezi ubutegetsi bwa Tanzaniya buguze iyindi ndage yo mu bwoko bwa Boeing, 787-8 Dreamliner yahawe izina rya Kilimanjaro, umusozi muremure cane muri Afrika.