Tanzaniya yaronse indege nshasha Airbus A220-300

Igihugu ca Tanzaniya cashikanye indege nshasha caguze, Airbus A220-300, izofasha gutwara abantu n'ibintu n'ishirahamwe ry'igihugu Air Tanzania.

Iyo ndege yakozwe n'ihinguriro ry'indege Airbus, iri mu bwoko A220-300.

Iyo ndege yahawe izina Dodoma, umugwa mukuru wa Tanzaniya.

Iyo ndege ishitse mu gihe hari haheze amezi ubutegetsi bwa Tanzaniya buguze iyindi ndage yo mu bwoko bwa Boeing, 787-8 Dreamliner yahawe izina rya Kilimanjaro, umusozi muremure cane muri Afrika.