Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Uganda iriko ikora amatohoza ku musirikare wayo ari muri Somalia yishe uwumukurira
Ikinyamakuru co muri Uganda kimenyesha ko igisirikare c'ico gihugu kiriko kirakora amatohoza ku catumye umusirikare waco ari mu ngabo zagiye kugarukana amahoro muri Somalia yica umukuru wiwe, imbere y'ukwihindukirizako inkoho akirasa.
Iryo bara ryabaye ku munsi wa gatandatu ku cicaro gikuru ca Amisom, hakaba hari n'amakuru avuga ko hari n'abandi babiri barashwe.
Umuvugizi w'igisirikare ca Uganda Brig Richard Karemire amenyesha ko ari abasirikare babiri gusa bishwe, kandi ko amatohoza abadanya kugira bamenye icatumye uyo musirikare akora ivyo.
"Karemire yabwiye ico kinyamakuru ati: " Igituma ntikiramenyekana. Dushaka kumenya nimba yari afise canke atari afise ingorane zo mu mutwe".
Abo ba nyakwigendera ntibaramenyekana.
Ico kinyamakuru kivuga ko ivyabaye mu gisirikare ca Uganda ari ibintu bitamenyerewe, haba mu bagiye kugarukana amahoro mu bihugu vyo hanze, canke abari mu gihugu.
Igihugu ca Uganda gifise ingabo 5000 muri Somalia mu basirikare b'ubumwe bwa Afrika 10.000 ba Amisom bari muri ico gihugu, mu ntumbero y'ugukingira leta y'ico gihugu ishigikiwe n'ishirahamwe mpuzamakungu ONU, be n'ukurwanya umurwi al-Shabaab ugendera ku vyiyumviro bikaze vya ki isilamu.