Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Leta Zunze Ubumwe za Amerika zemeye ko drone zazo zahitanye ubuzima bw'abasivire muri Somalia
Leta Zunze Ubumwe za Amerika zemeye ko umwana na nyina bahitanywe n'igitero c'indege ya drone (indege zitagira abadereva) mu gihugu ca Somalia mu kwezi kwa kane kw'umwaka uheze wa 2018.
Nibwo bwa mbere Amerika yemeye ko hari abasivise basize ubuzima mu bitero vy'indege muri ico gihugu ca Somalia.
Hari haciye indwi nkeya gusa ico gihugu ciyamirije ivyashikirijwe n'ishirahamwe Amnesty International riharanira agateka ka zina muntu ko abasivire 14 bishwe mu bitero bitanu bitandukanye.
Amerika yatanguye gukora ibitero vy'indege ku barwanyi ba Al-Shabaab mu mwaka wa 2011 igihe ico gihugu catwarwa na Barack Obama.
Kuva Donald Trump atorewe kurongora Amerika, ibitero vyariyongereye cane.
Abategetsi bavuga ko mu myaka ibiri iheze, ibitero 110 vyakozwe ku barwanyi ba Al-Shabaab.
Mu ntango, Amerika yari yavuze ko ivyo bitero vyahitanye abantu 800, kandi ko atamusivire yarimwo.
Ariko mu kiganiro n'abamenyeshamakuru ejo ku wa gatanu, abategetsi ba gisirikare bamenyesheje ko bakoze amatohoza inyuma y'ico cegeranyo c'iryo shirahamwe Amnesty International, bakabazwa n'ibibazo mu nama abashingamateka.
Ayo matohoza yategetswe na Jenerali Thomas Waldhauser arongoye ingabo za Amerika ku mugabane wa Afrika (Africom), yerekana ko hari ivyegeranyo Africom itaronka, ivyatumye abayirongoye basohora amatangazo atari yo ku bijanye n'abasivire boba baguye muri ivyo bitero.
Mw'itangazo Africom yasohoye, imenyesha ko igitero co mu kwezi kwa kane kw'umwaka uheze wa 2018 atari co cavuzwe n'ishirahamwe Amnesty.
Iryo tangazo ryamenyesheje kandi ko abarwanyi bane ba al-Shabab bishwe muri ico gitero.
Jenerali Gregg Olson ajejwe ibikorwa vya gisirikare muri Africom avuga ati: "Mu vyo dukora vyose, dushira imbere ukwizigirwa.
"Iyo hagize inzirakarengane itakaza ubuzima, twiyemeje kuvugisha ukuri kandi bikatubera icigwa kugira ngo ntihagire ibintu nk'ivyo bisubira muri kazoza".
BBC yaregereye Africom kugira ngo ibaze nimba Amerika izotanga indishi y'akababaro ku babuze ababo.
Umwe mu bavugizi yishuye ko Africom iriko "ikorana n'ibiro vy'ubuserukizi bwa Amerika muri Somalia kugira hihwezwe icokorwa".
Ku ruhande rwayo, ishirahamwe Amnesty International rivuga ko iyo ari "intambwe ikomeye" kubona Amerika yemera ko hari bbasivire bahitanywe n'ibitero vy'indege zayo.
Mw'itangazo ryasohoye, Daphne Eviatar arongoye ishirahamwe Amnesty International muri Amerika, avuga ati: "Ariko iyo ni intambwe ya mbere gusa".
Yongera ariko ko ico kidatanga ihumuri rinini ku miryango y'ababuze ababo muri ivyo bitero ata kintu na kimwe bigeze bamenyeshwa canke ngo bafashwe na Africom.