Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Diamond yemeye kuriha amande $3900 ngo abandanye umwuga wiwe
Umuririmvyi akomeye wo muri Tanzaniya Diamond Platnumz yemeye kuriha amande y'imiliyoni 9 z'ama Tanzaniya ($3900) kugira ashobora kubandanya aririmba mu gihugu no hanze.
Uwumuserukira mu kazi kiwe yabwiye BBC ko ibiteramo yategekanya mu gihugu ca Kenya no muri Comores bizokogwa ukwo vyari vyarategekanijwe.
Ku munsi wa Gatanu Diamond Platnumz yarasavye ikigongwe ubutegetsi bwa Tanzaniya mu kuba yarenze amategeko mu kuririmba ururirimbo rw'ibiterasoni yari yarihanikijwe.
Ururimbo yabujijwe, Mwanza, rurimwo ijambo "horny", abatamba ukabona umengo bariko bigana abakora amabanga mpuzabitsina.