Tom Makui: Umugabo w'umumasayi yarongoye abagore babiri icarimwe muri Kenya

Ahavuye isanamu, HISANI/JOSPHAT KINYANJUI
Umumasayi wo mu ntara ya Kajiado mu bumanuko bwa Kenya yaratangaje cane abantu inyuma yaho yubakanye n'abigeme babiri icarimwe.
Uwo mugwizatunga ava mu ntara ya Kajiado mu bumanuko bwa Nairobi, yagiranye ubugeni na Elizabeth Simaloi w'imyaka 25 na Joyce Tikoiyan w'imyaka 23.
Tom Makui w'imyaka 27, akunze kwitwa Junior ava mu muryango wagiye urabamwo abarongoye abagore benshi.
Abo bakobwa bose ukwo ari babiri biga kuri kaminuza iri muri ako karere.
Hari abavuga ko kuba ubwo bugeni bwakorewe gusa mw'isengero, ko bushobora kutemegwa n'amategeko.
Bwana Mako yabwiye ikinyamakuru Star ati: "Nipfuza kubishira ahabona. Ubugeni bwanje bwakozwe hisunzwe imico ntaco busana n'ivy'isengero. Hari abantu bashira amakuru ayovya ku mbuga hwaniro bavuga ko ubugeni bwanje bwakozwe n'umupasitori."
Tom Makui w'imyaka 27, akunze kwitwa Junior ava mu muryango wagiye urabamwo abarongoye abagore benshi.
Avuga ko yarongoye abakobwa babiri kubera ko bose bamukunda, ntiyipfuze kubabaza n'umwe.

"Buno ni ubutumwa nipfuza kurungikira abagabo ba kino gihe babesha bavuga ngo bakunda abagore babo naho bafise abandi ku ruhande.
"Nshaka kubwiza ukuri abagore banje, kubera ko nzi ko ata mvo zizotuma ndongora uwundi mugore. Ndazi neza ko aba babiri bakwiye."
Abo bagore ukwo ari babiri babwiye ikinyamakuru Star ko bakunda umugabo wabo, ko vyakozwe neza.
"Niwe rukundo rwacu, twemeye gukora ukwo avyipfuza - ukwo turi babiri turi abagore biwe."
Hano munsi murabona amafoto y'ubugeni bwabo:




Ayandi mafoto yabo.













