Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Leta y'u Burundi isaba amashirahamwe gusubira kwiyandikisha no kwisunga amategeko
Mu nama bariko baragiriranira n'ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu amashirahamwe akorera mu Burundi asabwa kwisunga amategeko harimo kwubahiriza uburinganire bw'amoko mu kazi.
Muri iyo nama ihuza amashirahamwe ataho yegamiye muri politike, umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu Pascal Barandagiye avuga ko ingingo yafashwe n'inama nkuru y'umutekano mu ndwi iheze iraba ayo mashirahamwe yose akorera mu Burundi atarivuyemwo.
Avuga ko vyaragaragaye ko meshi muri ayo mashirahamwe abaho kw'izina gusa.
Yongeye ati: "Menshi muri ayo mashirahamwe ivyo akora ntibihuye n'umugambi mukuru w'iterambere w'imyaka 10 uherutse gushikirizwa n'umukuru w'igihugu."
Pascal Barandagiye yibutsa ko mu mwaka uheze ayo mashirahamwe yari yahawe ikiringo c'amezi atandatu ngo abe yisunze amategeko y'igihugu.
Ikindi umushikiranganji yagiriza ayo mashirahamwe, ngo n'uko menshi muri yo atigeze yubahiriza ingingo iyategeka gucisha muri banki nkuru y'igihugu amafaranga yayo.
Barandagiye yagize ati: "Ivyo nje kuvuga si ijambo gusa (discours). Ahubwo nje kubashikiriza canke kubamenyesha ingene ibintu vyifashe.
"Sinje ngo twumvikane ingene ingingo y'inama nkuru y'umutekano yohagarikwa. Irya ngingo ni ntasubirwamwo. Nje kubereka ivyo musabwa kugira mwisunge amategeko. Irya ngingo yafashwe kugira akajagari muri kino gisata gahere".
Pascal Barandagiye avuga ko ikiringo c'amezi atatu catanzwe ari ico kwihweza amashirahamwe azoba ari mu mategeko.
Yongerako ati: "Kuva kw'itariki imwe ukwezi kwa 10 dufata ko ata shirahamwe na rimwe riri mu Burundi. Mutegerezwa kuza kuyandikisha bushasha. Abatazoza bazoca bafutwa burundu".
Mu kwiyandikisha gushasha, ayo mashirahzmwe asabwa kuza yitwaje amasezerano bagiriraniye n'ubushikiranganji bw'imigenderanire.
Bategerezwa kandi kwerekana ko ivyo bakora bijanye na wa mugambi w'igihugu w'iterambere.
Ikindi basabwa, n'ukwiyemeza kwubahiriza amategeko mu bijanye n'inzira amafaranga ayo mashirahamwe akoresha acamwo, ni ukuvuga mw'ibanki nkuru ya republika (BRB).
Ikindi, bategerezwa kwisunga no kwubahiriza uburinganire bw'ibitigiri vy'amoko mu bakozi nk'uko bitegekanijwe n'ibwirizwa shingiro.