Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umuririmvyi wa rap, Kanye West yahinduye izina, ubu yitwa 'Ye'
Mu butumwa yacishije kuri Twitter ku munsi wa gatandatu, Kanye West yanditse ati: "Nzwi kw'izina rya Kanye West. Ubu ndi Ye."
West w'imyaka 41, yari amaze igihe atazigwa Ye, akaba yakoresheje iryo zina kuri albumu yiwe y'umunani, yasohoye mu kwezi kwa gatandatu.
Ahinduye iryo zina mu gihe vyitezwe ko akora igiteramo ku munsi wa gatandatu, aho azotanguza albumu yiwe nshasha Yandhi.
West avuga ko iryo zina rishasha rifise insiguro ku bemera Imana.
"Ndemera ko 'ye' ari ijambo rikoreshwa cane muri bibiliya, hanyuma muri bibiliya rigasigura 'you' (wewe)", niko West yavuze mu ntango z'uno mwaka, aharira n'uwuremesha ibiganiro kuri radiyo Big Boy ku zina yoha albumu yiwe.
"Kur'ivyo ndi wewe, ndi twebwe, ni twebwe. Vyaturutse ku zina Kanye risigura niwe wenyene, rigiye kuri Ye - vyerekana iciza cacu, ikibi cacu, ibidasobanutse, vyose. Iyo albumu yerekana uwo turi."
Ni umwe mu baririmvyi bakomeye ba rap bahinduye amazina.
Sean Combs yahora azwi kera ku zina rya Puff Daddy, P. Diddy canke Diddy, ariko uno mwaka akavuga ko yohitamwo amazina Love na Brother Love.