Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Usain Bolt yipfuza kwerekana ubushobozi mu mupira w'amaguru
Kuva ahagaritse guhiganwa mu gusiganwa, Bolt avuga ko ata kindi abona yokora, naho ibimwinjiriza amahera bitabuze.
Usain Bolt-Griffin, amenyesha ko ubu ico agiye kwitaho ari urukino rw'umupira w'amaguru.
Azwi nk'umuntu yanyaruka kurusha abantu bose gushika mu nkino z'isi zo mu 2017.
Ahimbaza imyaka yiwe 32 kur'uyu wa 21 z'ukw'umunani, iyo ariko arimenyerereza muri Australia, , yemeje ko hari imirwi itandukanye mw'isi yashatse ko akorana nayo, arayankira.
Ntaco agikeneye kwemeza mu bijanye n'ubunonotsi bwiwe, cane cane mu kwiruka.
Nk'umu nye Jamaica, Usain Bolt avuga ko igihugu ciwe gisangiye vyinshi n'Ubwongereza.
Ivyo yabivuga asa n'uwusigura imwe mu mvo zituma ari pfa mpfe w'umurwi Machester United.
Ariko kuva aho afatiye akaruhuko 'ko mu za bukuru' kuva mu 2017, yararwije imyimenyerezo n'imirwi itandukanye y'umupira w'amaguru, hirya no hino mw'isi.
Iminsi amaze muri Australia, ni n'akaryo yihaye ko kurondera umurwi basinyiranira amasezerano arama.
Yemeje ko afise ivyizere ko atazoteba kuronka ico yipfuza.
Ariko Usain Bolt yiyamirije abavuze ko yagiye muri Australia kwimenyekanisha.
Aha ni mu gihe hari amakuru yaheruka kuvurwa ko hari n'aba murishe amahera ngo aje muri Australia kwifotoza aha agaciro imirwi yaho.
Vyose bizoja ahabona vuba kuko inkino zigiye gutangura, mu kw'icumi