Burundi: Imiryango igera ku 2000 iri mu kangaratete

Iyo miryango yo mu Kiyange na Gatumba, yateshejwe ivyabo n'umwuzurira w'amazi mu ntango z'ukwa gatanu.

Iyo miryango yo mu ntara ya Bujumbura, ifise ubwoba ko ishobora kwandura ingwara.

Isaba guhabwa imfashanyo y'amahema.

Nk'umupfasoni Chantal, umugabo wiwe hamwe n'abana 9 ntibafise aho bakika umusaya.

Inzu bahora babamwo iri mu ziherutse guhitanwa n'umwuzurira.

Baherutse kuronka inzu ikiriko irubakwa.

Niyo bararamwo n'ubwo itagira imiryango n'amadirisha.

Chantal yerekana ico kirangare barara mwo, ati

« Iyi nzu niyo tubamwo. Abana baryama kuri runo ruhande bakifuka ibihimba vy'amagunira n'ibimwanya nanje n'umugabo tukaryama iruhande".

Arabandanya agasigura amagorwa yabo,

ati "Aha hari ibitoboro ndahazibiza ibimwanya ngaca nshirako amabuye kugira abasuma n'abagizi ba nabi ntibadutere".

Bamwe mubakozweko n'uwo mwuzurira bidoga ko batahawe amahema.

Batinya ko bashobora kwandura ingwara kubera barara mu mbeho.

Béatrice Bigirimana, umupfasoni w'imyaka 48, wewe afise agahinda n'ishavu, iyo agize ico avuga :

"Turara ku gahinga n'abana banje. Nta kintu na kimwe nakuye yo. Abagiraneza baratanze amahema ariko jewe ntibampaye".

BBC yegereye Désiré Bundoyi arongoye igisata kijejwe gukinga amasanganya no kugarukira ku bashikiwe n'impanuka mu muryango utabara imbare Croix rouge.

Yasiguye ati : "Hashizwe imbere abasinzikaye kurusha abandi. Nkubu abahawe amahema ni abo bose wasanga inzu yasenyutse yose. Nko mu gatumba imiryango 504 niyo yahawe uburaro. Nayo mu kiyange ni 176", nikwo Bundoyi asigura.

Ubu rero imiryango yahuye n'umwuzurira izeye ubukiriro ku mfashanyo ingana n'imiliyoni 350 z'amarundi iherutse gutangwa n'umuryango w'ibihugu vya bulaya.

Izofasha kubaronsa ivya nkenerwa nk'ibifungurwa, uburengeti, amahema, imisegetera n'ibindi bikoresho.