Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Inkombe z'ikiyaga Tanganyika mu Burundi ziriko ziraguka
Haraciye hafi amezi abiri amazi y'ikiyaga Tanganyika yongerekanye ku rugero rutari rumenyerewe, ubunywero bumwe bumwe bwubatswe ku nkengera z'ikiyaga bukaba bwaratwawe.
Hari aho usanga amazi yarinjiye kw'isi gushika nko ku metero mirongo.
Abanyagihugu usanga bariko bararoba amafi hafi y'ibarabara kubera ikiyaga gisigaye kihashika.
Bene amatongo yatwawe basaba reta kubafasha kurondera ubuhinga n'ibikoresho vyofasha gusubiza inyuma amazi no kuyatangira.
Abo banyagihugu bavuga ko ingorane yoba yatewe n'imvura nyishi yaguye mu misi iheze mu gisagara no mu micungararo yaho, ishobora kuba yatumye inzuzi zisuka mu kiyaga zuzura.
BBC iriko irabaza abajejwe intwaro hamwe n'abahinga icoba cabiteye hamwe n'ikigiye gukorwa kuri iki kibazo.