Inkombe z'ikiyaga Tanganyika mu Burundi ziriko ziraguka

Amazi ya tanganyika aramaze gutwara bumwe mu bubare bwubatse ku nkengera
Insiguro y'isanamu, Amazi ya tanganyika aramaze gutwara bumwe mu bubare bwubatse ku nkengera

Haraciye hafi amezi abiri amazi y'ikiyaga Tanganyika yongerekanye ku rugero rutari rumenyerewe, ubunywero bumwe bumwe bwubatswe ku nkengera z'ikiyaga bukaba bwaratwawe.

Hari aho usanga amazi yarinjiye kw'isi gushika nko ku metero mirongo.

Abanyagihugu usanga bariko bararoba amafi hafi y'ibarabara kubera ikiyaga gisigaye kihashika.

Bene amatongo yatwawe basaba reta kubafasha kurondera ubuhinga n'ibikoresho vyofasha gusubiza inyuma amazi no kuyatangira.

Abo banyagihugu bavuga ko ingorane yoba yatewe n'imvura nyishi yaguye mu misi iheze mu gisagara no mu micungararo yaho, ishobora kuba yatumye inzuzi zisuka mu kiyaga zuzura.

BBC iriko irabaza abajejwe intwaro hamwe n'abahinga icoba cabiteye hamwe n'ikigiye gukorwa kuri iki kibazo.

Raba munsi ayandi masanamu y'ukuntu vyifashe

Abanyagihugu barobera hafi y'ibarabara kuko Tanganyika yahashitse
Insiguro y'isanamu, Abanyagihugu barobera hafi y'ibarabara kuko Tanganyika yahashitse
Twinshi mu tubare twubatse ku nkengera twarugaye kubera amazi y'ikiyaga
Insiguro y'isanamu, Twinshi mu tubare twubatse ku nkengera twarugaye kubera amazi y'ikiyaga
Kwiyongera kw'amazi ya Tanganyika aka kagene ntibimenyerewe
Insiguro y'isanamu, Kwiyongera kw'amazi ya Tanganyika aka kagene ntibimenyerewe
Abafise inyubako hafi y'inkombe z'ikiyaga Tanganyika impungenge ni nyinshi
Insiguro y'isanamu, Abafise inyubako hafi y'inkombe z'ikiyaga Tanganyika impungenge ni nyinshi