Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Nyuma ya Sudani, hasigaye Zambia ngo u Burundi buje muri CAN U20
Inyuma yo gutsindira iwabo umugwi wa Sudani ibitego 2-0, u Burundi butegerezwa gutsinda Zambia kugira buje mu nkino z'igikombe ca CAN c'abatarenza imyaka 20 muri Niger mu 2019 .
Mu rukino rubanza rwabereye mu Burundi, Sudani yari yatsinze Uburundi igitego 1-0.
Igitsindo ca mbere cinjijwe na Shaka Bienvenue ku munota wa 82, ica kabiri cinjizwa na Titi Mavugo ku munota wa 87.
Mw'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu Burundi akamwemwe ni kose, mbere uwurirongoye Reverien Ndikuriyo akaba yabemereye agashimwe ka miliyoni 15 z'amafaranga y'amarundi.
Abo bakinyi b'intamba mu rugamba badashikana imyaka 20, ni bake babaha amahirwe yo gutahukana intsinzi uravye amakuba bagize bagishika mu gihugu ca Sudani.
Bamaze amasaha indwi ku kibuga c'indege batararonka uwubakira.