Intamba mu rugamba zagiye muri Kenya mw'ihiganwa rya CECAFA

Umugwi nserukiragihugu w'Uburundi Intamba mu rugamba wafashe urugendo ugana igihugu ca Kenya ahagiye kubera ihiganwa rya CECAFA rizomara indwi zibiri.

Abakinyi bitavye iryo higanwa indwi bakina mu Rwanda, babiri mu gihugu ca Kenya, cumi mu Burundi hamwe n'umwe atagira umugwi.

Bitegekanijwe ko iryo higanwa ritangura ku musi w'Imana itariki zitatu z'ukwezi kwa 12 mu 2017

Igihugu ca Uganda ni co caheruka gutwara ico gikombe ca CECAFA