Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
U Burundi mu kibanza ca 3 mu gikombe c'isi c'abana bo mw'ibarabara
Umugwi w'Imboneza FC New Genaration waserukiye u Burundi mu nkino z'igikombe c'isi z'abana bahoze mw'ibarabara, i Moscou mu Burusiya, uhejeje kuronka ikibanza ca gatatu muri izo nkino.
U Burundi bwatsinze igihugu ca Indonésia ibitsindo 3-1, igitsindo ca mbere cinjijwe n'umwana yitwa Christian Ndihokubwayo, ica kabiri cinjijwe na Assumani Massudi, kizigenza w'uwo mugwi w'Imboneza FC, hanyuma ica gatatu cinjizwa na Arnaud Ndahabonimana.
Mu gice ca kabiri gishira ica nyuma, u Burundi bwari bwakuwemwo na Uzbekistan butsinzwe igitego 1-0.
U Burundi bwari bwatanguye ihiganwa neza aho bwatsinze Indonesia 2-0, butsinda Brezil ibitego 4-1, hanyuma bwongera buratsinda kandi igihugu ca Bielorussie ibitego 3-0.
Iryo higanwa ryitabwe n'abana bo mw'ibarabara barenga 200 bavuye hirya no hino kw'isi ubu bakaba bakoraniye i Moscow.
Abakobwa n'abahungu baje baserukira imigwi 24 nserukirabihugu y'abana baba mw'ibarabara, mu rwego rwo gukangurira abantu ko abo bana na bo bakeneye kwitabwaho co kimwe n'abandi bana bose.
Urukino rwa nyuma (final) ruja guhuza igihugu ca Pakistan na Ouzbekistan.