Mu ndwi 2 Korea ya ruguru irasambura ibibanza vya "nucléaire"

Igihugu ca Korea ya ruguru camenyesheje ko kigiye gutangura gusambura ikibanza co kugeragerezamwo ibigwanisho vya "nucléaire".

Pyongyang yavuze ko iriko iriga ingingo zijanye n'ubuhinga zotuma itangura ivyo bikogwa hagati y'itariki 23-25 ukwezi kwa Gatanu, niko ikinyamakuru ca Korea ya ruguru KCNA cavuze ku munsi wa Gatandatu.

Abahinga bo bavuga ko ico kibanza coba kimaze gutangura kubomoka kuva mu kwezi kw'icenda.

Ico gikogwa gitegekanijwe kurangugwa indwi zitatu imbere yuko Prezida Donald Trump ahura n'indongozi ya Korea ya ruguru Kim Jong-un.

Mu kwezi kwa kane, abategetsi ba Korea yepfo bavuze ko Bwana Kim yavuze ko "azokwugara ikibanza co kugeragerezamwo ibigwanisho vya nucléaire" mu kwezi kwa Gatanu", yongera avuga ko abahinga mu vya "nucléaire" bo muri Korea yepfo na Amerika bazotumigwa kuja kurorera.

Naho yavuze ukwo, nta na kimwe cavuzwe co kureka ngo abahinga bo hanze baje muri ico kibanza, mw'itangazo ryasohowe na Korea ya ruguru ku munsi wa Gatandatu.

Isambugwa ry'ikibanza ca Punggye-ri, itariki izomenyeshwa biturutse ku kungene ikirere cifashe, rizoba rigizwe n'ugusambura inzira zose zo mu kuzimu hakoreshejwe ibisasu biturika, gusambura ibibanza bakurikiraniramwo igerageza ry'ibigwanisho, inyubakwa z'ubushakashatsi hamwe n'ibirindiro vy'abajejwe umutekano.

Abamenyeshamakuru ba Korea yepfo, Ubushinwa, Amerika, Ubwongereza hamwe n'Uburusiya bazosabwa gukurikirana ivyo bikogwa.